Surah 62 · 11 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Surah Al-Jumu'ah in Rundi
بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
يُسَبِّحُ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ ٱلۡمَلِكِ ٱلۡقُدُّوسِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ
Ibiri mu majuru no kw’Isi vyose bihayagiza Imana, Umwami, Mutagatifu nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
هُوَ ٱلَّذِي بَعَثَ فِي ٱلۡأُمِّيِّـۧنَ رَسُولًا مِّنۡهُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِهِۦ وَيُزَكِّيهِمۡ وَيُعَلِّمُهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَإِن كَانُواْ مِن قَبۡلُ لَفِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ
Niyo yazanye intumwa y’Imana mu bantu batazi gusoma, avuye muribo, abasomera amajambo y’Imana matagatifu n’ukuba sukura n’ukubigisha igitabu c’Imana gitagatifu hamwe n’ubuhizi, n’imbere yibi vyose bari mubuzimire buri k’umugaragaro
وَءَاخَرِينَ مِنۡهُمۡ لَمَّا يَلۡحَقُواْ بِهِمۡۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
N’abandi muribo batariyunga nabo, nayo niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
ذَٰلِكَ فَضۡلُ ٱللَّهِ يُؤۡتِيهِ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Iyo n’imigisha y’Imana iha uwo yishakiye, nayo niyo nyene imigisha mininiya
مَثَلُ ٱلَّذِينَ حُمِّلُواْ ٱلتَّوۡرَىٰةَ ثُمَّ لَمۡ يَحۡمِلُوهَا كَمَثَلِ ٱلۡحِمَارِ يَحۡمِلُ أَسۡفَارَۢاۚ بِئۡسَ مَثَلُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Akarorero, ni bamwe bahawe igitabu c’Imana gitagatifu ca Taurati hanyuma ntiba cakira mu kugikoresha, ni nk’indogobwe yikoreye ibitabu bininiya kuriyo ata gahengwe kuriyo, aka n’akarorero kabi cane k’abantu bahakanye amajambo y’Imana matagatifu nayo Imana ntirongora abantu bahemukiye imitima yabo
قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ هَادُوٓاْ إِن زَعَمۡتُمۡ أَنَّكُمۡ أَوۡلِيَآءُ لِلَّهِ مِن دُونِ ٱلنَّاسِ فَتَمَنَّوُاْ ٱلۡمَوۡتَ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Vuga uti:- mwebwe Bayahudi nimwaba mwihayagiza yuko mwebwe muri abakunzi b’Imana hatarimwo abandi bantu, rero ni mwipfuze urupfu nimwaba muvugisha ukuri kwama
وَلَا يَتَمَنَّوۡنَهُۥٓ أَبَدَۢا بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِٱلظَّٰلِمِينَ
Mugabo ntibazo kwipfuza urwo rupfu, kubera ivyo batanguje kugira n’amaboko yabo n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’abahemukiye imitima yabo
قُلۡ إِنَّ ٱلۡمَوۡتَ ٱلَّذِي تَفِرُّونَ مِنۡهُ فَإِنَّهُۥ مُلَٰقِيكُمۡۖ ثُمَّ تُرَدُّونَ إِلَىٰ عَٰلِمِ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Vuga uti:- mu vy’ukuri uru rupfu muhunga, ntankeka muzohura narwo, hanyuma muze musubizwe k’uwufise ubumenyi bw’amabanga yose nayari k’umugaragaro aho niho izoba menyesha ivyo mwahora mugira vyose
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا نُودِيَ لِلصَّلَوٰةِ مِن يَوۡمِ ٱلۡجُمُعَةِ فَٱسۡعَوۡاْ إِلَىٰ ذِكۡرِ ٱللَّهِ وَذَرُواْ ٱلۡبَيۡعَۚ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٌ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, niha hamagarwa kubijanye n’amasengesho y’umusi wa gatanu, ni mugende ningoga na ningoga kuyivuga Imana kandi mureke kudandaza, mugize gutyo nivyo vyiza kuri mwebwe ni mwaba mufise ubumenyi buhagije
فَإِذَا قُضِيَتِ ٱلصَّلَوٰةُ فَٱنتَشِرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَٱبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرًا لَّعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Ayo masengesho arangiye nimu kwiragire kw’isi yose murondere imigisha y’Imana, kandi mwibuke Imana kenshi na kenshi, kugira ngo muronke intsinzi nyakuri
وَإِذَا رَأَوۡاْ تِجَٰرَةً أَوۡ لَهۡوًا ٱنفَضُّوٓاْ إِلَيۡهَا وَتَرَكُوكَ قَآئِمًاۚ قُلۡ مَا عِندَ ٱللَّهِ خَيۡرٌ مِّنَ ٱللَّهۡوِ وَمِنَ ٱلتِّجَٰرَةِۚ وَٱللَّهُ خَيۡرُ ٱلرَّٰزِقِينَ
Mugihe babonye ibidandazwa canke ibikinisho baca bavyirukirako bakagusiga uhagaze, wewe n’uvuge uti:- ibiri kumana nivyo vyiza gusumba urwo rukino n’ibidandazwa, n’Imana niyo ntore mugutanga imigisha yayo
Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.