Surah 73 · 20 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Surah Al-Muzzammil in Rundi
بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
أَوۡ زِدۡ عَلَيۡهِ وَرَتِّلِ ٱلۡقُرۡءَانَ تَرۡتِيلًا
Canke wongerezeko gatoyi, hanyuma usome iyi Qur’ani ntagatifu nkuko bitegetswe
إِنَّا سَنُلۡقِي عَلَيۡكَ قَوۡلًا ثَقِيلًا
Mu vy’ukuri twebwe tuzo kumanurira imvugo iremereye cane
إِنَّ نَاشِئَةَ ٱلَّيۡلِ هِيَ أَشَدُّ وَطۡـًٔا وَأَقۡوَمُ قِيلًا
Mu vy’ukuri ukwikangura mw’ijoro n’ukugira ibisabisho bihurana neza n’umushaha hamwe n’amajambo yayo ahumuriza cane
وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ وَتَبَتَّلۡ إِلَيۡهِ تَبۡتِيلًا
Nurivuge izina ry’Umuremyi wawe kandi witeho kuriyo bimwe vy’ukuri
رَّبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ فَٱتَّخِذۡهُ وَكِيلًا
Umuremyi w’ubuseruko nuburengera zuba, ntayindi isengwa atariyo yonyene gusa, rero n’uyigire kuba ariyo igukingiye
وَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱهۡجُرۡهُمۡ هَجۡرًا جَمِيلًا
Ni wigumye kuri ivyo vyose bavuga abo bahakanyi b’Imana, kandi ubikure ko ube kure yabo n’amahoro
وَذَرۡنِي وَٱلۡمُكَذِّبِينَ أُوْلِي ٱلنَّعۡمَةِ وَمَهِّلۡهُمۡ قَلِيلًا
N’undeke jewe hamwe nabo bahakanyi baronse amahirwe, hanyuma ubahe ikiringo kigufiya gusa
إِنَّ لَدَيۡنَآ أَنكَالًا وَجَحِيمًا
Mu vy’ukuri twebwe turafise ibihano hamwe n’umuriro udahera waka cane
وَطَعَامًا ذَا غُصَّةٍ وَعَذَابًا أَلِيمًا
N’ibifungurwa biniga mu muhogo hamwe n’ibihano bibabaza cane
يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلۡأَرۡضُ وَٱلۡجِبَالُ وَكَانَتِ ٱلۡجِبَالُ كَثِيبًا مَّهِيلًا
K’umusi waho Isi hamwe n’Imisozi izo nyiganzwa, n’Imisozi ikazoba nk’iyegeranijwe nk’umusenyi udafadika
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡكُمۡ رَسُولًا شَٰهِدًا عَلَيۡكُمۡ كَمَآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ رَسُولًا
Mu vy’ukuri twebwe twaraba zaniye intumwa y’Imana y’icabona kuri mwebwe, nkuko twamutwariye intumwa y’Imana kwa Fir’auni
فَعَصَىٰ فِرۡعَوۡنُ ٱلرَّسُولَ فَأَخَذۡنَٰهُ أَخۡذًا وَبِيلًا
Mugabo Fir’auni yariyonkoye kuntumwa y’Imana natwe tura muhana ibihano bininiya cane
فَكَيۡفَ تَتَّقُونَ إِن كَفَرۡتُمۡ يَوۡمًا يَجۡعَلُ ٱلۡوِلۡدَٰنَ شِيبًا
Mwebwe nimwa hakana, mushobora gute kwikingira n’ivyago vy’umusi uzogira ibibondo kuba banaze imvi nk’abatama
ٱلسَّمَآءُ مُنفَطِرُۢ بِهِۦۚ كَانَ وَعۡدُهُۥ مَفۡعُولًا
Amajuru azo satagurika kuri uwo musi, amasezerano yayo azo kurikizwa atagisivya
إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٌۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا
Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’ubutumwa bw’Imana, rero uwushaka azo kwigirira inzira yiwe nziza ku Muremyi wiwe
إِنَّ رَبَّكَ يَعۡلَمُ أَنَّكَ تَقُومُ أَدۡنَىٰ مِن ثُلُثَيِ ٱلَّيۡلِ وَنِصۡفَهُۥ وَثُلُثَهُۥ وَطَآئِفَةٌ مِّنَ ٱلَّذِينَ مَعَكَۚ وَٱللَّهُ يُقَدِّرُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَۚ عَلِمَ أَن لَّن تُحۡصُوهُ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنَ ٱلۡقُرۡءَانِۚ عَلِمَ أَن سَيَكُونُ مِنكُم مَّرۡضَىٰ وَءَاخَرُونَ يَضۡرِبُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ يَبۡتَغُونَ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَءَاخَرُونَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنۡهُۚ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَقۡرِضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنًاۚ وَمَا تُقَدِّمُواْ لِأَنفُسِكُم مِّنۡ خَيۡرٍ تَجِدُوهُ عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرًا وَأَعۡظَمَ أَجۡرًاۚ وَٱسۡتَغۡفِرُواْ ٱللَّهَۖ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٌ رَّحِيمُۢ
Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi buhagije yuko wewe uhagarara hafi y’ibice bibiri vy’ica gatatu c’ijoro, canke igice cayo n’uwundi mwanya ugahagarara kugice cica gatatu, na bamwe mu bantu muri kumwe nabo bagira nk’ibi hamwe na wewe, n’Imana niyo itegura neza ukugene uburebure bw’ijoro n’umutaga bungana, kandi niyo ifise ubumenyi buhagije yuko udashobora kugira ivyo, ikaba yarabagiriye ikigongwe kuri ivyo, rero ni musome ibiba yabaye kiborohereye kuri mwebwe mu majambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani, kuko irafise ubumenyi yuko bamwe muri mwebwe bazoba bakitswe n’amagara, abandi nabo bazoba bari mu rugendo ngaha kw’Isi barondera imigisha y’Imana, n’abandi nabo barwana mu nzira y’Imana, rero ni musome kubi boroheye muri ico gitabu gitagatifu, c’Imana hanyuma muhagarike amasengesho yanyu n’ugutanga imperezwa zanyu, hanyuma mubegurire Imana ikimanyu ciza, n’ineza iyariyo yose muzo yitanguza kubera imitima yanyu muzoyisanga ku Mana ari nziza cane, kandi ifise imigisha mininiya cane, kandi musabe ikigongwe ku Mana yanyu, mu vy’ukuri Imana niyo ifise imbabazi nyinshi cane n’impuhwe zihagije
Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.