Surah 94 · 8 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Ash-Sharh in Rundi

In English with tafsir

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

94:1

أَلَمۡ نَشۡرَحۡ لَكَ صَدۡرَكَ

Mbega ntitwakwaguriye igikiriza cawe

94:2

وَوَضَعۡنَا عَنكَ وِزۡرَكَ

Nukugukurira uburemere bwawe wari ufise

94:3

ٱلَّذِيٓ أَنقَضَ ظَهۡرَكَ

Bwavunye umugongo wawe

94:4

وَرَفَعۡنَا لَكَ ذِكۡرَكَ

Nukuguhayagiza kukuvurwa kwawe

94:5

فَإِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرًا

Rero mu vy’ukuri hamwe n’ingorane, haraboneka agahengwe

94:6

إِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرًا

Mu vy’ukuri hamwe n’ingorane, haraboneka agahengwe

94:7

فَإِذَا فَرَغۡتَ فَٱنصَبۡ

Niwaheza gushikiriza ubutumwa bwawe, n’ubandaye n’amasengesho yawe

94:8

وَإِلَىٰ رَبِّكَ فَٱرۡغَب

Kandi wiyegereze cane ku Muremyi wawe

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.