Surah 27 · 93 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah An-Naml in Rundi

In English with tafsir

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

27:1

طسٓۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡقُرۡءَانِ وَكِتَابٍ مُّبِينٍ

Twaa, Siiyn, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa). Aya n’amajambo ari mugitabu c’Imana gitagatifu ca Qur’aani kandi n’igitabu cuzuye mwo ibintu vyose ngira kamaro kandi n’igitabu gisigura ibikenewe vyose biri mw’idini rya Isilaamu

27:2

هُدًى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ

Iyi Qur’aani n’uburongozi hamwe n’inkuru nziza ku bantu bayemera bimwe vy’ukuri

27:3

ٱلَّذِينَ يُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَيُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ يُوقِنُونَ

Aribo bahagarika amasengesho nugutanga imperezwa zabo nabo bafise icizero c’umusi w’imperuka

27:4

إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ زَيَّنَّا لَهُمۡ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَهُمۡ يَعۡمَهُونَ

Mu vy’ukuri bamwe batemera uwo musi w’imperuka twebwe twarasharije ibikorwa vyabo, kuri ivyo baguma batayataya

27:5

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ لَهُمۡ سُوٓءُ ٱلۡعَذَابِ وَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ هُمُ ٱلۡأَخۡسَرُونَ

Abo nibo bazoronka ibihano bibi cane kandi abo nyene mw’ijuru nibo bazoronka uruhombo runiniya cane

27:6

وَإِنَّكَ لَتُلَقَّى ٱلۡقُرۡءَانَ مِن لَّدُنۡ حَكِيمٍ عَلِيمٍ

Mu vy’ukuri ni wewe wigishwa iyi Qur’aani ntagatifu ivuye kuwufise ubuhizi n’ubumenyi buhagije

27:7

إِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِأَهۡلِهِۦٓ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارًا سَـَٔاتِيكُم مِّنۡهَا بِخَبَرٍ أَوۡ ءَاتِيكُم بِشِهَابٍ قَبَسٍ لَّعَلَّكُمۡ تَصۡطَلُونَ

Igihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yabwira umuryango wiwe ati:- mu vy’ukuri jewe nabonye umukomezwa, ubu vuba ndabazanira inkuru zawo canke ndabazanira igishirira cawo caka kugira ngo mwote kuri uwo mukomezwa

27:8

فَلَمَّا جَآءَهَا نُودِيَ أَنۢ بُورِكَ مَن فِي ٱلنَّارِ وَمَنۡ حَوۡلَهَا وَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Mugihe yawushikira yaciye ahamagarwa ati:- wewe arahezagiwe n’uwuri muri uwu muriro hamwe n’uwuri hambavu yawo, kandi haninahazwa Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose

27:9

يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّهُۥٓ أَنَا ٱللَّهُ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ

Ewe Mussa (iii) mu vy’ukuri ni jewe Mana yawe mfise ubushobozi n’ubuhizi bukwiye

27:10

وَأَلۡقِ عَصَاكَۚ فَلَمَّا رَءَاهَا تَهۡتَزُّ كَأَنَّهَا جَآنٌّ وَلَّىٰ مُدۡبِرًا وَلَمۡ يُعَقِّبۡۚ يَٰمُوسَىٰ لَا تَخَفۡ إِنِّي لَا يَخَافُ لَدَيَّ ٱلۡمُرۡسَلُونَ

Nujugunye iyo nkoni yawe, mugihe yayibona igenda genda nk’inzoka yarahindukiye asubira inyuma yiruka atarindiriye, ewe Mussa (iii) ntutinye ntankeka iwanje ntibatinya imbere yanje intumwa z’Imana

27:11

إِلَّا مَن ظَلَمَ ثُمَّ بَدَّلَ حُسۡنَۢا بَعۡدَ سُوٓءٍ فَإِنِّي غَفُورٌ رَّحِيمٌ

Mugabo uwahemukiye umutima wiwe hanyuma agaca akabisha ineza amaze kugira amabi, mbega jewe sije mfise ikigongwe n’Impuhwe zihagije

27:12

وَأَدۡخِلۡ يَدَكَ فِي جَيۡبِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٍۖ فِي تِسۡعِ ءَايَٰتٍ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَقَوۡمِهِۦٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا فَٰسِقِينَ

Niwinjize ukuboko kwawe mumpuzu yawe, kuzoca gusohoka gufise ibara ryera atamwanda uriko, bikaba ari mubimenyetso icenda vyo kwa Fir’auni hamwe n’abantu biwe, mu vy’ukuri bari mubantu babi cane

27:13

فَلَمَّا جَآءَتۡهُمۡ ءَايَٰتُنَا مُبۡصِرَةً قَالُواْ هَٰذَا سِحۡرٌ مُّبِينٌ

Mugihe bashikirwa n’ibimenyetso vyacu bigaragara, baciye bavuga bati:- ubu n’uburozi buri k’umugaragaro

27:14

وَجَحَدُواْ بِهَا وَٱسۡتَيۡقَنَتۡهَآ أَنفُسُهُمۡ ظُلۡمًا وَعُلُوًّاۚ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ

Barayahakanye amajambo y’Imana matagatifu mugihe imitima yabo ivyemeza gutyo kubera ubuhemu bwabo n’ukwishima kwabo rero nuce uraba impera n’imperuka yabagira amabi

27:15

وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا دَاوُۥدَ وَسُلَيۡمَٰنَ عِلۡمًاۖ وَقَالَا ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي فَضَّلَنَا عَلَىٰ كَثِيرٍ مِّنۡ عِبَادِهِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ntankeka twarahaye intumwa y’Imana Daudi (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Suleimanu (iii) ubumenyi baca bavuga bati:- ininahazwa ryose ni ry’Imana yaduteye iteka ntangere gusumba benshi mubiremwa vyiwe vyamwemeye

27:16

وَوَرِثَ سُلَيۡمَٰنُ دَاوُۥدَۖ وَقَالَ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ عُلِّمۡنَا مَنطِقَ ٱلطَّيۡرِ وَأُوتِينَا مِن كُلِّ شَيۡءٍۖ إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡفَضۡلُ ٱلۡمُبِينُ

N’intumwa y’Imana Suleimani (iii) niwe yatoranye ibisigi vy’intumwa y’Imana Daudi (iii) nukuvuga iti:- mwebwe bantu mwe! Twebwe twarigishijwe imvugo z’inyoni nuguhabwa ibintu vyose, mu vy’ukuri iyi n’ingabirano y’Imana iri k’umugaragaro

27:17

وَحُشِرَ لِسُلَيۡمَٰنَ جُنُودُهُۥ مِنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ وَٱلطَّيۡرِ فَهُمۡ يُوزَعُونَ

Yaregeranirijwe Intumwa y’Imana Suleimani (iii) ingabo ziwe z’ibisigo hamwe n’abantu n’inyoni nukuzitondesha imirwi n’iyindi

27:18

حَتَّىٰٓ إِذَآ أَتَوۡاْ عَلَىٰ وَادِ ٱلنَّمۡلِ قَالَتۡ نَمۡلَةٌ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّمۡلُ ٱدۡخُلُواْ مَسَٰكِنَكُمۡ لَا يَحۡطِمَنَّكُمۡ سُلَيۡمَٰنُ وَجُنُودُهُۥ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ

No mugihe bashika mumwaba w’ibikoko vy’ubunyegeri kimwe muri ivyo bikoko caravuze giti:- mwabunyegeri mwe! nimwinjire mumyobo yanyu intumwa y’Imana Suleimani (iii) ntibahonyange n’ingabo ziwe mugihe itabumva

27:19

فَتَبَسَّمَ ضَاحِكًا مِّن قَوۡلِهَا وَقَالَ رَبِّ أَوۡزِعۡنِيٓ أَنۡ أَشۡكُرَ نِعۡمَتَكَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتَ عَلَيَّ وَعَلَىٰ وَٰلِدَيَّ وَأَنۡ أَعۡمَلَ صَٰلِحًا تَرۡضَىٰهُ وَأَدۡخِلۡنِي بِرَحۡمَتِكَ فِي عِبَادِكَ ٱلصَّٰلِحِينَ

Nawe aramweyura atwenga kw’ijambo ryiwe nuguca avuga ati:- ewe Muremyi wanje, numpe ubushobozi nce ndagukengurukira kumihezagiro wampaye jewe hamwe n’abavyeyi banje, kandi mbashe kugira ibikorwa vyiza ushima kandi unyinjize mumpuhwe zawe mbe mu bantu bawe beranda

27:20

وَتَفَقَّدَ ٱلطَّيۡرَ فَقَالَ مَالِيَ لَآ أَرَى ٱلۡهُدۡهُدَ أَمۡ كَانَ مِنَ ٱلۡغَآئِبِينَ

Hanyuma aragenzura zanyoni ziwe nukuvuga ati:- vyakabaye gute ko ntabona yanuma, canke yabaye muyitari ngaha

27:21

لَأُعَذِّبَنَّهُۥ عَذَابًا شَدِيدًا أَوۡ لَأَاْذۡبَحَنَّهُۥٓ أَوۡ لَيَأۡتِيَنِّي بِسُلۡطَٰنٍ مُّبِينٍ

Mu vy’ukuri ndayihana ibihano bikaze cane canke ndayibage canke inzanire ivyemezo biri k’umugaragaro

27:22

فَمَكَثَ غَيۡرَ بَعِيدٍ فَقَالَ أَحَطتُ بِمَا لَمۡ تُحِطۡ بِهِۦ وَجِئۡتُكَ مِن سَبَإِۭ بِنَبَإٍ يَقِينٍ

Nawe ntiyamaze igihe kirekire cane aca avuga ati:- ndatahuye ico utotahuye kandi nje nturuka mugihugu ca Saba’a ndakuzaniye inkuru y’imvaho

27:23

إِنِّي وَجَدتُّ ٱمۡرَأَةً تَمۡلِكُهُمۡ وَأُوتِيَتۡ مِن كُلِّ شَيۡءٍ وَلَهَا عَرۡشٌ عَظِيمٌ

Mu vy’ukuri sanze Umupfasoni ategeka kandi yahawe ibintu vyose, kandi akaba afise n’inyegamo y’iteka iteye igomwe niniya cane

27:24

وَجَدتُّهَا وَقَوۡمَهَا يَسۡجُدُونَ لِلشَّمۡسِ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَصَدَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّبِيلِ فَهُمۡ لَا يَهۡتَدُونَ

Ndamusanze ari kumwe n’abantu biwe bapfukamira izuba aho gupfukamira Imana yabo y’ukuri, Shetani nayo ikaba yarabasharijije ibikorwa vyayo hamwe nukubazitirira inzira yabo y’amahoro, kuri ivyo rero abo bantu bose ntibarongotse

27:25

أَلَّاۤ يَسۡجُدُواْۤ لِلَّهِ ٱلَّذِي يُخۡرِجُ ٱلۡخَبۡءَ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَيَعۡلَمُ مَا تُخۡفُونَ وَمَا تُعۡلِنُونَ

Nimupfukamire Imana ikura ibintu vyinyegeje biri mumajuru no kw’Isi kandi ikaba ifise ubumenyi bw’ivyo munyegeza hamwe n’ivyo muserura

27:26

ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ رَبُّ ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡعَظِيمِ

Ntayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa Umuremyi w’inyegamo yiwe ntagatifu

27:27

قَالَ سَنَنظُرُ أَصَدَقۡتَ أَمۡ كُنتَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ

Intumwa y’Imana Suleimani (iii) ica ivuga iti:- tuzoraba yuko wavugishije ukuri canke uri mu bantu b’ababeshi

27:28

ٱذۡهَب بِّكِتَٰبِي هَٰذَا فَأَلۡقِهۡ إِلَيۡهِمۡ ثُمَّ تَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَٱنظُرۡ مَاذَا يَرۡجِعُونَ

Nugende n’uru rwandiko rwanje uruba shikirize hanyuma ubareke uce uraba ivyo basubizanya

27:29

قَالَتۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ إِنِّيٓ أُلۡقِيَ إِلَيَّ كِتَٰبٌ كَرِيمٌ

Wamwamikazi aca avuga ati:- mwebwe bategetsi, mu vy’ukuri nzaniwe urwandiko rw’iteka

27:30

إِنَّهُۥ مِن سُلَيۡمَٰنَ وَإِنَّهُۥ بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

Ruvuye kuntumwa y’Imana Suleimani (iii) narwo ruvuga ruti:- Kw’izina ry’Imana nyene Imigisha myinshi, na nyene Imigisha mito mito

27:31

أَلَّا تَعۡلُواْ عَلَيَّ وَأۡتُونِي مُسۡلِمِينَ

Ntimungirire ubwishime kandi muze iwanje namwe mwamaze kuba aba Isilamu

27:32

قَالَتۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ أَفۡتُونِي فِيٓ أَمۡرِي مَا كُنتُ قَاطِعَةً أَمۡرًا حَتَّىٰ تَشۡهَدُونِ

Wamwamikazi asubira kuvuga ati:- mwebwe bategetsi nimu mpanure kuri ibi vyipfuzo vyanje, kuko jewe sinshaka impanuro z’umuntu uwariwe wese kugeza aho mwese muba ivyabona

27:33

قَالُواْ نَحۡنُ أُوْلُواْ قُوَّةٍ وَأُوْلُواْ بَأۡسٍ شَدِيدٍ وَٱلۡأَمۡرُ إِلَيۡكِ فَٱنظُرِي مَاذَا تَأۡمُرِينَ

Nabo bamwishura bati:- ni twebwe dufise ububasha hamwe nukurwana ingwano ikaze cane, n’itegeko riri iwawe rero nurabe ico utegeka

27:34

قَالَتۡ إِنَّ ٱلۡمُلُوكَ إِذَا دَخَلُواْ قَرۡيَةً أَفۡسَدُوهَا وَجَعَلُوٓاْ أَعِزَّةَ أَهۡلِهَآ أَذِلَّةًۚ وَكَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ

Wamwamikazi aca avuga ati:- mu vy’ukuri Abami iyo binjiye mubisagara vy’abantu baca bonona ivyo bisagara nukubagira bene ivyo bisagara kuba mu bantu barenganijwe, uko rero niko bama bagira

27:35

وَإِنِّي مُرۡسِلَةٌ إِلَيۡهِم بِهَدِيَّةٍ فَنَاظِرَةُۢ بِمَ يَرۡجِعُ ٱلۡمُرۡسَلُونَ

Mugabo jewe ndabarungikiye akaganuke hanyuma nanje nzorindira ico bazogarukana izo ntumwa zanje

27:36

فَلَمَّا جَآءَ سُلَيۡمَٰنَ قَالَ أَتُمِدُّونَنِ بِمَالٍ فَمَآ ءَاتَىٰنِۦَ ٱللَّهُ خَيۡرٌ مِّمَّآ ءَاتَىٰكُمۚ بَلۡ أَنتُم بِهَدِيَّتِكُمۡ تَفۡرَحُونَ

Mugihe yashika kuntumwa y’Imana Suleimani (iii) yavuze ati:- mbega mwebwe mumfasha kumatungo? Uwayampaye nawe n’Imana nayo nimeza gusumba ivyo yahaye mwebwe, mugabo mwebwe munezerezwa n’izi nzimano zanyu

27:37

ٱرۡجِعۡ إِلَيۡهِمۡ فَلَنَأۡتِيَنَّهُم بِجُنُودٍ لَّا قِبَلَ لَهُم بِهَا وَلَنُخۡرِجَنَّهُم مِّنۡهَآ أَذِلَّةً وَهُمۡ صَٰغِرُونَ

Nimu bimusubize mu vy’ukuri tuzogenda n’ingabo zacu batazo shobora guhangana nazo kandi ntankeka tuzobakurayo bamaze gucika imvutu, kandi bamaze kudebukirwa

27:38

قَالَ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ أَيُّكُمۡ يَأۡتِينِي بِعَرۡشِهَا قَبۡلَ أَن يَأۡتُونِي مُسۡلِمِينَ

Intumwa y’Imana Sulaymanu yarakoranije Abashikiranganji biwe bose avuga ati:- mwebwe bategetsi, ni nde ashobora kunzanira inyegamo yiwe y’iteka imbere yuko bashika iwanje nabo bamaze kuba aba Isilamu

27:39

قَالَ عِفۡرِيتٌ مِّنَ ٱلۡجِنِّ أَنَا۠ ءَاتِيكَ بِهِۦ قَبۡلَ أَن تَقُومَ مِن مَّقَامِكَۖ وَإِنِّي عَلَيۡهِ لَقَوِيٌّ أَمِينٌ

Umwe munkerebutsi z’ibisigo yavuze iti:- jewe nzoyigu shikiriza imbere yuku vyaguruka aho wicaye, nanje ntankeka ndafise ubushobozi bw’ivyo bintu kandi ndumwizigirwa

27:40

قَالَ ٱلَّذِي عِندَهُۥ عِلۡمٌ مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ أَنَا۠ ءَاتِيكَ بِهِۦ قَبۡلَ أَن يَرۡتَدَّ إِلَيۡكَ طَرۡفُكَۚ فَلَمَّا رَءَاهُ مُسۡتَقِرًّا عِندَهُۥ قَالَ هَٰذَا مِن فَضۡلِ رَبِّي لِيَبۡلُوَنِيٓ ءَأَشۡكُرُ أَمۡ أَكۡفُرُۖ وَمَن شَكَرَ فَإِنَّمَا يَشۡكُرُ لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن كَفَرَ فَإِنَّ رَبِّي غَنِيٌّ كَرِيمٌ

Aca avuga umwe mubari bafise ubumenyi bw’igitabu ati:- jewe iyo nyegamo nzoyigu shikiriza imbere yuko urugohe rw’ijisho ryawe rutaranyiganga, rero mugihe yabona yanyegamo yiwe iri imbere yiwe yaciye avuga ati:- ibi vyabaye kubera ingabirano z’Umuremyi wanje kugira ngo angerageze arabe yuko no mushimira canke ndamu hakana, rero uwushima ashima kuneza y’umutima wiwe, nayo uwu hakana mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe nyene amatungo n’umugizi w’ineza

27:41

قَالَ نَكِّرُواْ لَهَا عَرۡشَهَا نَنظُرۡ أَتَهۡتَدِيٓ أَمۡ تَكُونُ مِنَ ٱلَّذِينَ لَا يَهۡتَدُونَ

Aca avuga ati:- iyo nyegamo y’iteka nimuyihindure hanyuma turabe yuko ashobora kuyimenya canke azoba ari mubantu ataco bazi

27:42

فَلَمَّا جَآءَتۡ قِيلَ أَهَٰكَذَا عَرۡشُكِۖ قَالَتۡ كَأَنَّهُۥ هُوَۚ وَأُوتِينَا ٱلۡعِلۡمَ مِن قَبۡلِهَا وَكُنَّا مُسۡلِمِينَ

Mugihe yashika yabwiwe ati:- mbega iyi nyegamo yawe y’iteka yoba imeze nk’iyi? Nawe abishura ati:- egome inyegamo yanje yoba imeze nk’iyi nyene natwe tukaba twahawe ubumenyi imbere yukubona, mugabo natwe twari mu bantu b’abagamburutsi

27:43

وَصَدَّهَا مَا كَانَت تَّعۡبُدُ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ إِنَّهَا كَانَتۡ مِن قَوۡمٍ كَٰفِرِينَ

Aca aramubuza nivyo yahora asenga biteye kubiri n’Imana; ntankeka yari mubantu b’abahakanyi imbere y’ico gihe

27:44

قِيلَ لَهَا ٱدۡخُلِي ٱلصَّرۡحَۖ فَلَمَّا رَأَتۡهُ حَسِبَتۡهُ لُجَّةً وَكَشَفَتۡ عَن سَاقَيۡهَاۚ قَالَ إِنَّهُۥ صَرۡحٌ مُّمَرَّدٌ مِّن قَوَارِيرَۗ قَالَتۡ رَبِّ إِنِّي ظَلَمۡتُ نَفۡسِي وَأَسۡلَمۡتُ مَعَ سُلَيۡمَٰنَ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ababwira ati:- nimwinjire munzu, mugihe yinjira yabajije yuko yinjiye mwidengeri ry’amazi, aca aduza impuzu ziwe kugeza kumavi, intumwa y’Imana Suleimani (iii) amubwira ati:- mu vy’ukuri iyo n’inzu yasakajwe n’ivyirori, nawe aca avuga ati:- Muremyi wanje narahemukiye umutima wanje none ubu nditanze hamwe n’intumwa y’Imana Suleimani (iii) no kumuremyi w’ibiremwa vyose

27:45

وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ فَإِذَا هُمۡ فَرِيقَانِ يَخۡتَصِمُونَ

Ntankeka twebwe twara barungikiye bene Thamuda (iii) hamwe na bene Swalehe (iii) tubabwira duti:- nimusenge Imana, munyuma yaho haciye habonekana imirwi ibiri yacanyemwo

27:46

قَالَ يَٰقَوۡمِ لِمَ تَسۡتَعۡجِلُونَ بِٱلسَّيِّئَةِ قَبۡلَ ٱلۡحَسَنَةِۖ لَوۡلَا تَسۡتَغۡفِرُونَ ٱللَّهَ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ

Aca avuga ati:- bantu banje, ni kuki muhimiriza kugira amabi imbere yukugira ineza? None ni kuki mutigera musaba ikigongwe kumana yanyu kugira ngo ikibagirire kumpuhwe zayo

27:47

قَالُواْ ٱطَّيَّرۡنَا بِكَ وَبِمَن مَّعَكَۚ قَالَ طَٰٓئِرُكُمۡ عِندَ ٱللَّهِۖ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ تُفۡتَنُونَ

Nabo bamwishura bati:- twagize Imana mbi kubera wewe nukubera abari kumwe na wewe, nawe aca ababwira uti:- ukutumvikana kwanyu kuri kumana yanyu, mugabo kuri mwebwe muri mubantu Imana iriko iragerageza

27:48

وَكَانَ فِي ٱلۡمَدِينَةِ تِسۡعَةُ رَهۡطٍ يُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا يُصۡلِحُونَ

Muri ico gisagara harimwo abantu icenda bigize ba sura ivu mugukara cane kuri iy’Isi, kandi ata na kimwe bagize kubijanye n’uguhuza kw’abantu n’abandi

27:49

قَالُواْ تَقَاسَمُواْ بِٱللَّهِ لَنُبَيِّتَنَّهُۥ وَأَهۡلَهُۥ ثُمَّ لَنَقُولَنَّ لِوَلِيِّهِۦ مَا شَهِدۡنَا مَهۡلِكَ أَهۡلِهِۦ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ

Nabo bavuga bati:- nimurahire kumana yuko tuzotera intumwa y’Imana Swalehe (iii) mw’ijoro hamwe n’abantu biwe hanyuma tuze tumubwire uwuzo sigarana n’ibisigi vyiwe, natwe tuvuga duti:- twebwe ntitwabonye ihonywa ry’abantu biwe, ntankeka twebwe turi mu bantu bavugisha ukuri kuribo

27:50

وَمَكَرُواْ مَكۡرًا وَمَكَرۡنَا مَكۡرًا وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ

Baca bategura imigambi yabo, natwe dutegura iyacu, nabo batabizi

27:51

فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ مَكۡرِهِمۡ أَنَّا دَمَّرۡنَٰهُمۡ وَقَوۡمَهُمۡ أَجۡمَعِينَ

N’urabe amaherezo y’imigambi yabo uko yari imeze, natwe rero twaciye tubahonya nabo bari kumwe bose

27:52

فَتِلۡكَ بُيُوتُهُمۡ خَاوِيَةَۢ بِمَا ظَلَمُوٓاْۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةً لِّقَوۡمٍ يَعۡلَمُونَ

Nizo nzu zabo zara garagara kubera ubuhemu bwabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo icigwa ku bantu bategera

27:53

وَأَنجَيۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَكَانُواْ يَتَّقُونَ

Twaraba rokoye mubemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’abayi gamburukiye

27:54

وَلُوطًا إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَتَأۡتُونَ ٱلۡفَٰحِشَةَ وَأَنتُمۡ تُبۡصِرُونَ

N’intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega muriko muragira ibintu vy’umwanda namwe mubibona

27:55

أَئِنَّكُمۡ لَتَأۡتُونَ ٱلرِّجَالَ شَهۡوَةً مِّن دُونِ ٱلنِّسَآءِۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ تَجۡهَلُونَ

Mukarangura amabanga yabubatse n’abagabo nkamwe kubera ivuduka ry’ivyipfuzo vyanyu bibi aho mwo biranguye n’abakenyezi banyu, mu vy’ukuri mwebwe muri mu bantu ata bwenge mufise. Igisomwa c’ubunyegeri. Ikigabane ca

27:56

فَمَا كَانَ جَوَابَ قَوۡمِهِۦٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَخۡرِجُوٓاْ ءَالَ لُوطٍ مِّن قَرۡيَتِكُمۡۖ إِنَّهُمۡ أُنَاسٌ يَتَطَهَّرُونَ

Ntiyabaye inyishu y’abantu biwe atari uko bavuze bati:- nimu birukane abo bantu bakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugisagara canyu kuko bari mubantu bisukuye

27:57

فَأَنجَيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ قَدَّرۡنَٰهَا مِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ

Twaciye tumurokora hamwe n’abamukurikiye dukuyemwo umutambukanyi wiwe duca tumushira murutonde rw’abantu bazokwicara inyuma y’abandi bose

27:58

وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرًاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ

Duca tubamanurira imvura yari mbi cane nayo ikaba yari imeze gute! Yari yagenewe abantu batuzwa

27:59

قُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ وَسَلَٰمٌ عَلَىٰ عِبَادِهِ ٱلَّذِينَ ٱصۡطَفَىٰٓۗ ءَآللَّهُ خَيۡرٌ أَمَّا يُشۡرِكُونَ

Vuga uti :- ininahazwa ryiza ni ry’Imana n’amahoro ashikire intumwa ziwe yitoreye, mbega Imana niyo nziza canke bamwe bayi gereranya n’ibindi bintu

27:60

أَمَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَأَنزَلَ لَكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَأَنۢبَتۡنَا بِهِۦ حَدَآئِقَ ذَاتَ بَهۡجَةٍ مَّا كَانَ لَكُمۡ أَن تُنۢبِتُواْ شَجَرَهَآۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٌ يَعۡدِلُونَ

Canke umwe yarema Amajuru n’Isi nukuba manurira amazi avuye mubicu no kuri ivyo twaranagishije imirima iteye igomwe, namwe ntabushobozi mufise bwukunagisha ibi biti, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, rero abo bahakanyi b’Imana y’ukuri n’abantu batari kumurongo ugororotse

27:61

أَمَّن جَعَلَ ٱلۡأَرۡضَ قَرَارًا وَجَعَلَ خِلَٰلَهَآ أَنۡهَٰرًا وَجَعَلَ لَهَا رَوَٰسِيَ وَجَعَلَ بَيۡنَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ حَاجِزًاۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Canke uwaremye iy’Isi ngo ibe ari ahantu hukuruhukira ho nugushira muriyo inzuzi n’imisozi, nugushira ho uruzitiro hagati y’ibiyaga bibiri, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, ahubwo benshi muribo ntana kimwe bazi

27:62

أَمَّن يُجِيبُ ٱلۡمُضۡطَرَّ إِذَا دَعَاهُ وَيَكۡشِفُ ٱلسُّوٓءَ وَيَجۡعَلُكُمۡ خُلَفَآءَ ٱلۡأَرۡضِۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ قَلِيلًا مَّا تَذَكَّرُونَ

Canke umwe yishura uwuri mungorane mugihe amusaba mukumukurira ingorane ziwe, nukuba gira ngo bagendesha iy’Isi, mbega hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, nigakeyi cane kugira ngo mwebwe mutegere

27:63

أَمَّن يَهۡدِيكُمۡ فِي ظُلُمَٰتِ ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ وَمَن يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦٓۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ تَعَٰلَى ٱللَّهُ عَمَّا يُشۡرِكُونَ

Canke umwe yabarongora mumwijima wo kw’Isi nugutwara imiyaga mugushikiriza inkuru nziza imbere y’imigisha yayo, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose? Imana irisukuye hamwe nabayi gereranya nayo

27:64

أَمَّن يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ وَمَن يَرۡزُقُكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ قُلۡ هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Canke uwatanguye kurema ibiremwa vyose hanyuma akazobigarura nkuko vyamye, nukubaha imigisha ivuye mw’ijuru no kw’Isi, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, nuvuge uti:- mwebwe nimuzane ivyemezo vyanyu nimwaba muvugisha ukuri kwama

27:65

قُل لَّا يَعۡلَمُ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ ٱلۡغَيۡبَ إِلَّا ٱللَّهُۚ وَمَا يَشۡعُرُونَ أَيَّانَ يُبۡعَثُونَ

Vuga iti:- ntawuri mw’ijuru no kw’Isi afise ubumenyi bw’ibitariho atari Imana yonyene gusa nabone ntibazi ikihe gihe bazozurirwa ko

27:66

بَلِ ٱدَّٰرَكَ عِلۡمُهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِۚ بَلۡ هُمۡ فِي شَكٍّ مِّنۡهَاۖ بَلۡ هُم مِّنۡهَا عَمُونَ

Mbega bashikiwe ryari n’ubumenyi bwukumenya uwo musi w’imperuka, ahubwo nibo bafise amakenga y’uwo musi, ahubwo n’impumyi mukumenya uwo musi

27:67

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَءِذَا كُنَّا تُرَٰبًا وَءَابَآؤُنَآ أَئِنَّا لَمُخۡرَجُونَ

N’abahakanye Imana yabo y’ukuri bavuze bati:- mbega nitwaba twaramaze kuba ivu hamwe n’abavyeyi bacu, niho tuzozurwa

27:68

لَقَدۡ وُعِدۡنَا هَٰذَا نَحۡنُ وَءَابَآؤُنَا مِن قَبۡلُ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Ntankeka uku niko twemerewe hamwe n’abavyeyi bacu baho hambere bikaba bitari kuba ibi vyose atari uko ari inyanduruko z’ububeshi z’abantu bakera

27:69

قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ

Vuga uti:- nimugende kw’Isi yose hanyuma mwitegereze ukugene vyabaye impera n’imperuka kuri ba bantu babi

27:70

وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَلَا تَكُن فِي ضَيۡقٍ مِّمَّا يَمۡكُرُونَ

Kandi ntuterwe n’agahinda, kandi ntugire ibibazo kubera ingeso zabo bagira

27:71

وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Kandi bavuga bati:- iyi ndagano izoboneka ryari nimwaba muvugisha ukuri

27:72

قُلۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ رَدِفَ لَكُم بَعۡضُ ٱلَّذِي تَسۡتَعۡجِلُونَ

Vuga uti:- nkumbure iri hafi yukubashikira kuvyo mwihutira kugira ngo bibe

27:73

وَإِنَّ رَبَّكَ لَذُو فَضۡلٍ عَلَى ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَشۡكُرُونَ

Kandi ntankeka Umuremyi wawe niwe nyene imigisha ku bantu bayo, mugabo benshi muribo ntiba shima

27:74

وَإِنَّ رَبَّكَ لَيَعۡلَمُ مَا تُكِنُّ صُدُورُهُمۡ وَمَا يُعۡلِنُونَ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’ivyo munyegeza mubikiriza vyanyu hamwe nivyo muserura

27:75

وَمَا مِنۡ غَآئِبَةٍ فِي ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ إِلَّا فِي كِتَٰبٍ مُّبِينٍ

Kandi ntamabanga ari hagati y’Amajuru n’Isi atari uko ari hagati y’igitabu c’Imana kigaragaza ibintu vyose

27:76

إِنَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ يَقُصُّ عَلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ أَكۡثَرَ ٱلَّذِي هُمۡ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ

Ntankeka iyi Qur’aani ntagatifu irabavuga bene Israeri kubintu vyinshi bijanye nukutumvikana kwabo

27:77

وَإِنَّهُۥ لَهُدًى وَرَحۡمَةٌ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri iyi Qur’aani ntagatifu n’indongozi n’imigisha ku bantu bayemera

27:78

إِنَّ رَبَّكَ يَقۡضِي بَيۡنَهُم بِحُكۡمِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡعَلِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe azobacira urubanza rw’amategeko yayo, nayo niyo nyene inguvu n’ubumenyi buhagije

27:79

فَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۖ إِنَّكَ عَلَى ٱلۡحَقِّ ٱلۡمُبِينِ

Rero niwizere Imana yawe mu vy’ukuri wewe uri hejuru y’ukuri kuri k’umugaragaro

27:80

إِنَّكَ لَا تُسۡمِعُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَلَا تُسۡمِعُ ٱلصُّمَّ ٱلدُّعَآءَ إِذَا وَلَّوۡاْ مُدۡبِرِينَ

Mu vy’ukuri wewe ntushobora kwumvisha abapfuye ubwo butumwa bwawe canke kwumvisha abatumva mugihe bahindukiye bigira iyo baja

27:81

وَمَآ أَنتَ بِهَٰدِي ٱلۡعُمۡيِ عَن ضَلَٰلَتِهِمۡۖ إِن تُسۡمِعُ إِلَّا مَن يُؤۡمِنُ بِـَٔايَٰتِنَا فَهُم مُّسۡلِمُونَ

Kandi ntushobora kurongora impumyi ziri mubuzimire bwazo, kandi ntushobora kubumvisha atari abemera amajambo yacu y’Imana, abo rero nibo bagamburutsi

27:82

وَإِذَا وَقَعَ ٱلۡقَوۡلُ عَلَيۡهِمۡ أَخۡرَجۡنَا لَهُمۡ دَآبَّةً مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ تُكَلِّمُهُمۡ أَنَّ ٱلنَّاسَ كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا لَا يُوقِنُونَ

N’imvugo mugihe izoba shikira tuzoba kurira igikoko ngaha kw’Isi kizoba vugisha abo bantu kubera yuko batemera amajambo yacu

27:83

وَيَوۡمَ نَحۡشُرُ مِن كُلِّ أُمَّةٍ فَوۡجًا مِّمَّن يُكَذِّبُ بِـَٔايَٰتِنَا فَهُمۡ يُوزَعُونَ

N’umusi tuzo kwegeranya mumirwi y’abantu bahakanye Imana yabo y’ukuri, nabone bazoshigwa mumirwi nk’abandi

27:84

حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُو قَالَ أَكَذَّبۡتُم بِـَٔايَٰتِي وَلَمۡ تُحِيطُواْ بِهَا عِلۡمًا أَمَّاذَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

N’igihe bazoshika Imana izovumera iti:- mbega mwebwe mwarahakanye amajambo yanje mutabizi neza, canke mwamye mugira iki

27:85

وَوَقَعَ ٱلۡقَوۡلُ عَلَيۡهِم بِمَا ظَلَمُواْ فَهُمۡ لَا يَنطِقُونَ

Ijambo ry’ukuri rizobashikira kubera yuko bahemutse, rero ntaco bazovuga

27:86

أَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا جَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ لِيَسۡكُنُواْ فِيهِ وَٱلنَّهَارَ مُبۡصِرًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يُؤۡمِنُونَ

Mbega ntibabona yuko twaremye Ijoro kugira ngo abantu baruhukire mwo hamwe n’umutaga w’umuco, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso kubantu bemera Imana yabo y’ukuri

27:87

وَيَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِ فَفَزِعَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا مَن شَآءَ ٱللَّهُۚ وَكُلٌّ أَتَوۡهُ دَٰخِرِينَ

N’umusi hazovuzwa inzamba hanyuma abari mumajuru nabari kw’isi bose baze bate imitwe hirya no hino, dukuyemwo uwo Imana yashakiye ntate umutwe wiwe hirya no hino, na bose bazoyi shikira nabo bafise ibimaramare

27:88

وَتَرَى ٱلۡجِبَالَ تَحۡسَبُهَا جَامِدَةً وَهِيَ تَمُرُّ مَرَّ ٱلسَّحَابِۚ صُنۡعَ ٱللَّهِ ٱلَّذِيٓ أَتۡقَنَ كُلَّ شَيۡءٍۚ إِنَّهُۥ خَبِيرُۢ بِمَا تَفۡعَلُونَ

Uzobona imisozi ukibaza yuko ihumuye nayo iriko iragenda nk’ibicu, uko niko Imana ikora kuko yakoze ibintu vyose, ntankeka niyo ifise inkuru y’ivyo mugira vyose

27:89

مَن جَآءَ بِٱلۡحَسَنَةِ فَلَهُۥ خَيۡرٌ مِّنۡهَا وَهُم مِّن فَزَعٍ يَوۡمَئِذٍ ءَامِنُونَ

Abazozana ineza bazoronka ineza gusumba iyo, nuko kuburagizwa kw’uwo musi bazoba bari mumahoro nawo

27:90

وَمَن جَآءَ بِٱلسَّيِّئَةِ فَكُبَّتۡ وُجُوهُهُمۡ فِي ٱلنَّارِ هَلۡ تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Nabazogira ububisha bwabo amaso yabo azotabwa mumuriro udahera, none ntimuhembwa atari kuvyo mwahora mugira

27:91

إِنَّمَآ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ رَبَّ هَٰذِهِ ٱلۡبَلۡدَةِ ٱلَّذِي حَرَّمَهَا وَلَهُۥ كُلُّ شَيۡءٍۖ وَأُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ مِنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ

Ntankeka nategetswe ngo nsenge Umuremyi w’iki gisagara, ariwe yagiteye iteka kandi ibintu vyose nivyiwe kandi nkaba nategetswe yuko noba mubantu babagamburutsi

27:92

وَأَنۡ أَتۡلُوَاْ ٱلۡقُرۡءَانَۖ فَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ فَإِنَّمَا يَهۡتَدِي لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَقُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُنذِرِينَ

Kandi nsome iyi Qur’aani ntagatifu, nukuba ndi mubarongotse, nuwurongotse aba arongotse kubwiwe, nayo uwazimiye wewe nuvuge uti:- mu vy’ukuri jewe ndi mu bantu batuza abantu

27:93

وَقُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ سَيُرِيكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ فَتَعۡرِفُونَهَاۚ وَمَا رَبُّكَ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ

Kandi uvuge iti:- ihayagizwa ryose ryiza ni ry’Imana kuko ubu vuba Imana izobereka ibimenyetso vyayo kandi muzobitahura, kandi umuremyi wawe ntiyibagira kuri ibi vyose mugira

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.