Surah 26 · 227 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Ash-Shu'ara in Rundi

In English with tafsir

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

26:1

طسٓمٓ

Twa, Siiyn, Miiym, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)

26:2

تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ

Aya n’amajambo ari mugitabu kimenyesha ibikenewe bijanye n’idini

26:3

لَعَلَّكَ بَٰخِعٌ نَّفۡسَكَ أَلَّا يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ

Nkumbure wota umutima wawe murudubi kubera abantu bawe batabaye aba Isilamu

26:4

إِن نَّشَأۡ نُنَزِّلۡ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ ءَايَةً فَظَلَّتۡ أَعۡنَٰقُهُمۡ لَهَا خَٰضِعِينَ

Iyo dushaka twari kubamanurira ibitangaro bivuye mw’ijuru hanyuma amazosi yabo akagamburuka nugukurikira bashaka canke badashaka mugabo ntidushaka kutegeka umuntu ngo abe umu Isilamu

26:5

وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٍ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ مُحۡدَثٍ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهُ مُعۡرِضِينَ

Mugabo ntibashikirwa n’icibutso gishasha kivuye kuri nyene imigisha myinshi, mugabo yama ija kure yivyo

26:6

فَقَدۡ كَذَّبُواْ فَسَيَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Rero mu vy’ukuri barahakanye kuri ivyo rero ubu vuba, bazoshikirwa n’inkuru z’ivyo bahora bajajurirako

26:7

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ كَمۡ أَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجٍ كَرِيمٍ

Mbega ntibabonye ngaha kw’Isi ingene twanagishije ibiterwa biri kuriyo n’ubwoko butandukanye bwiza

26:8

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Ntankeka muri ivyo harimwo ibimenyetso mugabo benshi muribo ntavyo bemera

26:9

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije

26:10

وَإِذۡ نَادَىٰ رَبُّكَ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱئۡتِ ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ

N’Umuremyi wawe mugihe yahamagara intumwa yiwe Mussa (iiii) amubwira ati:- nugende kuri barya bantu bahemukiye imitima yabo

26:11

قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَۚ أَلَا يَتَّقُونَ

Abantu bo kwa Fir’auni ubabwire uti:- mbega ntibatinya Imana

26:12

قَالَ رَبِّ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ

Nawe avuga ati:- Muremyi wanje mu vy’ukuri jewe ndatinya yuko abo bantu bompakana

26:13

وَيَضِيقُ صَدۡرِي وَلَا يَنطَلِقُ لِسَانِي فَأَرۡسِلۡ إِلَىٰ هَٰرُونَ

N’igikiriza canje ntiki nyorohereza hamwe n’ururimi wanje ntirutomora amajambo neza, rero nushikirize ubu butumwa kwa mwene wanje Haruna (iii)

26:14

وَلَهُمۡ عَلَيَّ ذَنۢبٌ فَأَخَافُ أَن يَقۡتُلُونِ

Nabo n’abantu bafise amakosa imbere yanje mugabo ntinya yuko bongandagura

26:15

قَالَ كـَلَّاۖ فَٱذۡهَبَا بِـَٔايَٰتِنَآۖ إِنَّا مَعَكُم مُّسۡتَمِعُونَ

Avuga ati:- Oya sivyo, ahubwo ni mugende n’ibi bitangaro vyanje, mu vy’ukuri twebwe turi kumwe namwe kandi turabumva

26:16

فَأۡتِيَا فِرۡعَوۡنَ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Rero nimugende kwa Fir’auni mumubwire muti:- ntankeka twebwe turi intumwa z’Umuremyi w’abantu bose

26:17

أَنۡ أَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ

Turungitswe yuko wobatwarira turi kumwe twese hamwe na bene Israeri

26:18

قَالَ أَلَمۡ نُرَبِّكَ فِينَا وَلِيدًا وَلَبِثۡتَ فِينَا مِنۡ عُمُرِكَ سِنِينَ

Fir’auni aca avuga ati:- mbega wewe ntitwakurereye iwacu muugihe wari ukiri mutoyi hanyuma turabana twese kumyaka myinshi y’ubuzima bwawe bwose

26:19

وَفَعَلۡتَ فَعۡلَتَكَ ٱلَّتِي فَعَلۡتَ وَأَنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Kandi waragize ico gikorwa cawe muvyo wagize vyose uca uba mu bantu badashima

26:20

قَالَ فَعَلۡتُهَآ إِذًا وَأَنَا۠ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ

Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- naragize ivyo vyose ngaho mugihe nari mu bantu bazimiye

26:21

فَفَرَرۡتُ مِنكُمۡ لَمَّا خِفۡتُكُمۡ فَوَهَبَ لِي رَبِّي حُكۡمًا وَجَعَلَنِي مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Rero nanje naciye ndabahunga mugihe natinya Umuremyi wanje ubu yarampaye amategeko kandi yarampezagiye ngombe ndi muntumwa z’Imana

26:22

وَتِلۡكَ نِعۡمَةٌ تَمُنُّهَا عَلَيَّ أَنۡ عَبَّدتَّ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ

Kandi uwo niwo mugisha wangiriyeko impuhwe wukubashira mubuja wa bene Israeri

26:23

قَالَ فِرۡعَوۡنُ وَمَا رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Fir’auni yavuze ati:- ni nde uyo Muremyi w’abantu bose

26:24

قَالَ رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ

Intumwa y’Imana Mussa ivuga iti :- n’Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibirimwo nimwaba mwebwe muri mu bantu mwemera

26:25

قَالَ لِمَنۡ حَوۡلَهُۥٓ أَلَا تَسۡتَمِعُونَ

Fir’aauni yabwiye abantu bamukikuje ati :- mbega mwebwe ntimwumva

26:26

قَالَ رَبُّكُمۡ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Intumwa y’Imana Mussa (iii) aca avuga ati:- Umuremyi niwe muremyi w’abavyeyi banyu baho hambere

26:27

قَالَ إِنَّ رَسُولَكُمُ ٱلَّذِيٓ أُرۡسِلَ إِلَيۡكُمۡ لَمَجۡنُونٌ

Fir’auni aca avuga ati:- ntankeka iyo ntumwa yanyu yarungitswe kuri mwebwe n’umusazi

26:28

قَالَ رَبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُمۡ تَعۡقِلُونَ

Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- Umuremyi w’ubuseruko n’uburengera zuba hamwe n’ibiri hagati yavyo nimwaba mutegera neza

26:29

قَالَ لَئِنِ ٱتَّخَذۡتَ إِلَٰهًا غَيۡرِي لَأَجۡعَلَنَّكَ مِنَ ٱلۡمَسۡجُونِينَ

Fir’auni aca avuga ati:- niwakurikira iyindi Mana atari jewe mu vy’ukuri nzokugira nk’abantu bari mwibohero

26:30

قَالَ أَوَلَوۡ جِئۡتُكَ بِشَيۡءٍ مُّبِينٍ

Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- mbega naho nokuzanira ikintu kiri k’umugaragaro

26:31

قَالَ فَأۡتِ بِهِۦٓ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Fir’auni nawe amwishura ati:- nukizane niwaba uri mu bantu bavugisha ukuri kwama

26:32

فَأَلۡقَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ ثُعۡبَانٌ مُّبِينٌ

Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ijugunya inkoni yiwe, mukanya isase ica ihinduka inzoka nyakuri iri k’umugaragaro

26:33

وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِيَ بَيۡضَآءُ لِلنَّٰظِرِينَ

Ica isokorora ukuboko kwayo mumpuzu mumwanya isase guca kurera derere kubantu bakubonye

26:34

قَالَ لِلۡمَلَإِ حَوۡلَهُۥٓ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٌ عَلِيمٌ

Fir’auni avuga abwira abakuru bamukikuje ati :- mu vy’ukuri uyu n’umurozi afise ubumenyi buhanitse

26:35

يُرِيدُ أَن يُخۡرِجَكُم مِّنۡ أَرۡضِكُم بِسِحۡرِهِۦ فَمَاذَا تَأۡمُرُونَ

Agomba abakure mugihugu canyu akoresheje uburozi bwiwe, none mwebwe mubivuga ko iki

26:36

قَالُوٓاْ أَرۡجِهۡ وَأَخَاهُ وَٱبۡعَثۡ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ

Nabo bavuga bati:- nimumuhe umwanya hamwe na mwene wabo hanyuma mubarungike mugisagara caho bakoraniriza abantu bose

26:37

يَأۡتُوكَ بِكُلِّ سَحَّارٍ عَلِيمٍ

Bazokuzanira ibihangange vy’abarozi bose bafise ubumenyi buhanitse

26:38

فَجُمِعَ ٱلسَّحَرَةُ لِمِيقَٰتِ يَوۡمٍ مَّعۡلُومٍ

Barakoranijwe abarozi bose, mumwanya n’umusi wagenewe urwo rubanza

26:39

وَقِيلَ لِلنَّاسِ هَلۡ أَنتُم مُّجۡتَمِعُونَ

Baca babwirwa abantu bati :- none mwese mwamaze gukorana

26:40

لَعَلَّنَا نَتَّبِعُ ٱلسَّحَرَةَ إِن كَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ

Nkumbure tuzobakurikira abo barozi niba aribo bazoronka intsinzi

26:41

فَلَمَّا جَآءَ ٱلسَّحَرَةُ قَالُواْ لِفِرۡعَوۡنَ أَئِنَّ لَنَا لَأَجۡرًا إِن كُنَّا نَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبِينَ

Rero mugihe bashika abo barozi baciye babwira Fir’auni bati:- mbega turaronka impembo nitwa tahukana intsinzi

26:42

قَالَ نَعَمۡ وَإِنَّكُمۡ إِذًا لَّمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ

Fir’auni abishura ati:- egome kandi mwebwe muzoba muri bamwe mu bantu banje bizigirwa

26:43

قَالَ لَهُم مُّوسَىٰٓ أَلۡقُواْ مَآ أَنتُم مُّلۡقُونَ

Intumwa y’Imana Mussa (iii) ibabwira babarozi iti:- nimujugunye ivyo mushobora kujugunya

26:44

فَأَلۡقَوۡاْ حِبَالَهُمۡ وَعِصِيَّهُمۡ وَقَالُواْ بِعِزَّةِ فِرۡعَوۡنَ إِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبُونَ

Bajugunya imigozi yabo hamwe n’inkoni zabo nukuvuga bati:- kububasha bwa Fir’auni ni twebwe bene intsinzi

26:45

فَأَلۡقَىٰ مُوسَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ تَلۡقَفُ مَا يَأۡفِكُونَ

Hanyuma intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ijugunya inkoni yayo hasi yankoni ica iramiragura ivyo abo barozi badukanye

26:46

فَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سَٰجِدِينَ

Aho niho babarozi bose barwa hasi barapfukama

26:47

قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Baca bavuga bati:- turemeye Umuremyi w’abantu bose

26:48

رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ

Umuremyi wa Mussa (iii) hamwe na Haruna (iii)

26:49

قَالَ ءَامَنتُمۡ لَهُۥ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِي عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحۡرَ فَلَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَۚ لَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٍ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ أَجۡمَعِينَ

Fir’auni avuga ati:- mbega mwamwemeye uyo Mussa (iii) imbere yuko ndabaha uruhusha? Ntankeka niwe yabaye umukuru wanyu yabigishije uburozi, ubu rero muzotahura neza, ubu ngiye gucagagura amaboko n’amaguru yanyu ndabitandukanije hanyuma nce ndababamba kubiti mwese

26:50

قَالُواْ لَا ضَيۡرَۖ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ

Nabo baca bavuga bati:- ntaco bitwaye mu vy’ukuri twese tuzo subira ku Muremyi wacu

26:51

إِنَّا نَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لَنَا رَبُّنَا خَطَٰيَٰنَآ أَن كُنَّآ أَوَّلَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ntankeka twebwe twizeye yuko Umuremyi wacu azotugirira ikigongwe kubera ibicumuro vyacu, kuko twebwe tubaye abambere mukwemera kuba aba Isilamu b’ukuri

26:52

وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَسۡرِ بِعِبَادِيٓ إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ

Twara murungikiye intumwa y’Imana Mussa (iii) ubutumire yuko yogenda ku bantu banje mugihe c’ijoro ntankeka muzo kurikiranwa

26:53

فَأَرۡسَلَ فِرۡعَوۡنُ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ

Rero Fir’auni yaciye arungika ubutumwa bw’ugukoranya abantu bo mugisagara bose

26:54

إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَشِرۡذِمَةٌ قَلِيلُونَ

Mu vy’ukuri abo Bayahudi n’akarwi k’abantu bakeyi cane

26:55

وَإِنَّهُمۡ لَنَا لَغَآئِظُونَ

Nabo n’abantu badu shavuza cane

26:56

وَإِنَّا لَجَمِيعٌ حَٰذِرُونَ

Natwe turi benshi mugabo turabatinya

26:57

فَأَخۡرَجۡنَٰهُم مِّن جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ

Duca tubakura mu mirima yabo hamwe no mumusoko y’amazi

26:58

وَكُنُوزٍ وَمَقَامٍ كَرِيمٍ

Nukuba kura mububiko bwabo n’ahantu habo heza cane

26:59

كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ

Nuko rero twahaye ibisigi kuri bene Israeri

26:60

فَأَتۡبَعُوهُم مُّشۡرِقِينَ

Baca bakurikira k’ubuseruko bw’izuba

26:61

فَلَمَّا تَرَٰٓءَا ٱلۡجَمۡعَانِ قَالَ أَصۡحَٰبُ مُوسَىٰٓ إِنَّا لَمُدۡرَكُونَ

Mugihe zabonana ingabo zose uko ari zibiri, abantu b’intumwa y’Imana Mussa (iii) baciye bavuga bati:- twebwe duhava dufatwa

26:62

قَالَ كـَلَّآۖ إِنَّ مَعِيَ رَبِّي سَيَهۡدِينِ

Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ivuga iti:- oya! mu vy’ukuri Umuremyi wanje ari kumwe nanje ntankeka azondongora

26:63

فَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡبَحۡرَۖ فَٱنفَلَقَ فَكَانَ كُلُّ فِرۡقٍ كَٱلطَّوۡدِ ٱلۡعَظِيمِ

Mumwanya twara murungikiye intumwa y’Imana Mussa (iii) ubutumwa tumubwira duti:- kubita iyo nkoni yawe kuri ico kiyaga, naco gica cigaburwamwo ibiyaga bibiri no kumpande zose haca haba nk’imisozi mininiya

26:64

وَأَزۡلَفۡنَا ثَمَّ ٱلۡأٓخَرِينَ

Duca tuzana ngaho abandi bantu

26:65

وَأَنجَيۡنَا مُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ

Duca turokora intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe nabo bari kumwe bose

26:66

ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ

Hanyuma twibiza mumazi abo bandi bantu

26:67

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo icirwa mugabo benshi muribo simubemera

26:68

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije

26:69

وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ إِبۡرَٰهِيمَ

Kandi ubasomere inkuru y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii)

26:70

إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَا تَعۡبُدُونَ

Mugihe yabwira Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega mwebwe musenga ibiki

26:71

قَالُواْ نَعۡبُدُ أَصۡنَامًا فَنَظَلُّ لَهَا عَٰكِفِينَ

Nabo bamwishura bati:- twebwe dusenga amasanamu yamisi yose

26:72

قَالَ هَلۡ يَسۡمَعُونَكُمۡ إِذۡ تَدۡعُونَ

Nawe avuga ati:- mbega ayo masanamu musenga arabumva mugihe muyahamagaye

26:73

أَوۡ يَنفَعُونَكُمۡ أَوۡ يَضُرُّونَ

Canke harico abamarira canke abagirira inabi

26:74

قَالُواْ بَلۡ وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا كَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ

Nabo bamwishura bati:- ahubwo twasanze badata bacu bagira uku nyene tugira

26:75

قَالَ أَفَرَءَيۡتُم مَّا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ

Nawe abishura ati:- mbega mwarababonye abo musenga

26:76

أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُمُ ٱلۡأَقۡدَمُونَ

Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu babayeho imbere yanyu

26:77

فَإِنَّهُمۡ عَدُوٌّ لِّيٓ إِلَّا رَبَّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntankeka abo n’abansi banje dukuyemwo Umuremyi w’ibiremwa vyose

26:78

ٱلَّذِي خَلَقَنِي فَهُوَ يَهۡدِينِ

Kuko ariyo yandemye kandi niyo yandongoye

26:79

وَٱلَّذِي هُوَ يُطۡعِمُنِي وَيَسۡقِينِ

Kandi niyo intamika nukunywesha

26:80

وَإِذَا مَرِضۡتُ فَهُوَ يَشۡفِينِ

No mugihe nsinzikajwe n’ingwara niyo indonsa akoyokwe

26:81

وَٱلَّذِي يُمِيتُنِي ثُمَّ يُحۡيِينِ

Kandi niyo izonyica hanyuma ize insubize ubuzima

26:82

وَٱلَّذِيٓ أَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لِي خَطِيٓـَٔتِي يَوۡمَ ٱلدِّينِ

Kandi niyo nizeye yuko izongirira ikigongwe kubicumuro vyanje k’umusi w’impembo

26:83

رَبِّ هَبۡ لِي حُكۡمًا وَأَلۡحِقۡنِي بِٱلصَّٰلِحِينَ

Muremyi wanje numpe itegeko, kandi umpuze n’abagira ibikorwa vyiza

26:84

وَٱجۡعَل لِّي لِسَانَ صِدۡقٍ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ

Kandi umpezagire mukuvugwa kuneza n’abantu bazoza munyuma yanje

26:85

وَٱجۡعَلۡنِي مِن وَرَثَةِ جَنَّةِ ٱلنَّعِيمِ

Kandi umpezagire mubazosigirwa ibisigi vy’imirima irimwo imihezagiro myiza yo mw’ijuru

26:86

وَٱغۡفِرۡ لِأَبِيٓ إِنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ

Kandi ugirire ikigongwe Data wanje ntankeka yari mubantu bazimiye

26:87

وَلَا تُخۡزِنِي يَوۡمَ يُبۡعَثُونَ

Kandi ntuntetereze k’umusi wukuzurwa kw’abantu bose

26:88

يَوۡمَ لَا يَنفَعُ مَالٌ وَلَا بَنُونَ

Umusi waho amatungo yabo ataco azobamarira canke ibibondo vyabo

26:89

إِلَّا مَنۡ أَتَى ٱللَّهَ بِقَلۡبٍ سَلِيمٍ

Dukuyemwo uwuzoba yatumbereye Imana yiwe afise umutima mwiza

26:90

وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ

N’ijuru rizokwegerezwa ribe hafi ku bantu beranda

26:91

وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِلۡغَاوِينَ

N’umuriro udahera witiriwe Jahannamu uzokwerekanwa icese kubagizi b’inabi

26:92

وَقِيلَ لَهُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ

Bazobwirwa bati:- bari hehe abo mwahora musenga

26:93

مِن دُونِ ٱللَّهِ هَلۡ يَنصُرُونَكُمۡ أَوۡ يَنتَصِرُونَ

Atari Imana mbega boshobora kubafasha canke kwifashisha bonyene

26:94

فَكُبۡكِبُواْ فِيهَا هُمۡ وَٱلۡغَاوُۥنَ

Rero bazotabwa mumuriro udahera hamwe n’abacumuzi bagenzi babo

26:95

وَجُنُودُ إِبۡلِيسَ أَجۡمَعُونَ

Hamwe n’ingabo za Shetani zose

26:96

قَالُواْ وَهُمۡ فِيهَا يَخۡتَصِمُونَ

Bazovuga bamwe bahora babasenga mugihe bazoba bariko baratongana bari mumuriro udahera

26:97

تَٱللَّهِ إِن كُنَّا لَفِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ

Ndarahiye kw’izina ry’Imana, mu vy’ukuri twebwe twari mubuzimire buri k’umugaragaro

26:98

إِذۡ نُسَوِّيكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Mugihe twabagirira ineza n’Umuremyi w’ibiremwa vyose

26:99

وَمَآ أَضَلَّنَآ إِلَّا ٱلۡمُجۡرِمُونَ

Kandi ntibatuzimije atari babantu babi

26:100

فَمَا لَنَا مِن شَٰفِعِينَ

Natwe ntidufise abadusabira

26:101

وَلَا صَدِيقٍ حَمِيمٍ

Canke abagenzi bwite dufise

26:102

فَلَوۡ أَنَّ لَنَا كَرَّةً فَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Iyo tuba dufise aho tugarukira twari kuba aba Isilamu

26:103

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Ntankeka muri ibi vyose harimwo itegero rininiya mugabo benshi muribo s’abemera

26:104

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije

26:105

كَذَّبَتۡ قَوۡمُ نُوحٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Abantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) barahakanye intumwa z’Imana

26:106

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ نُوحٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Ubibutse mugihe yababwira uwo mugenzi wabo ariwe Nuhu (iii) ati:- mbega mwebwe ntimuzotinya

26:107

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ

Mu vyukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe

26:108

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Rero nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire

26:109

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Kandi sindabashakira ko impembo, mugabo impembo yanje iri k’umuremyi w’ibiremwa vyose

26:110

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Rero nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire

26:111

قَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ لَكَ وَٱتَّبَعَكَ ٱلۡأَرۡذَلُونَ

Nabo bamwishura bati:- mbega tukwemere wewe mugihe abagowe aribo bagukurikira

26:112

قَالَ وَمَا عِلۡمِي بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Nawe avuga ati:- nomenya gute ibikorwa vyanyu mwahora mugira

26:113

إِنۡ حِسَابُهُمۡ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّيۖ لَوۡ تَشۡعُرُونَ

Iharurwa ryabo ntarihari atari ku muremyi wanje gusa iyo mwobimenya

26:114

وَمَآ أَنَا۠ بِطَارِدِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Nanje sinzo kwirukana abemeye Imana yabo y’ukuri

26:115

إِنۡ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٌ مُّبِينٌ

Jewe ntaco ndimwo, atari uko ndimubatuza bari k’umugaragaro

26:116

قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰنُوحُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمَرۡجُومِينَ

Nabo bavuga bati:- nutareka ewe Nuhu (iii) iryo tuza ryawe ntankeka uzoba uri mubazoterwa amabuye

26:117

قَالَ رَبِّ إِنَّ قَوۡمِي كَذَّبُونِ

Nawe avuga ati:- Muremyi wanje, ntankeka abantu banje banyihakanye

26:118

فَٱفۡتَحۡ بَيۡنِي وَبَيۡنَهُمۡ فَتۡحًا وَنَجِّنِي وَمَن مَّعِيَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Rero nuducire urubanza ruri hagati yanje hamwe nabo, urwo rubanza rube rwiza, kandi undokore hamwe nabo ndikumwe nabo hamwe n’abemeye Imana yabo y’ukuri

26:119

فَأَنجَيۡنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ

Kubera ivyo twaciye tumurokora hamwe nabo bari kumwe bose bari mubwato bwari butwaye ibintu vyinshi

26:120

ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا بَعۡدُ ٱلۡبَاقِينَ

Hanyuma twibiza mumazi mubasigaye

26:121

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mubemera Imana yabo y’ukuri

26:122

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije

26:123

كَذَّبَتۡ عَادٌ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Na bene Aadi nabo barahakanye intumwa z’Imana

26:124

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ هُودٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Mugihe mwene wabo Hudu (iii) yababwira ati:- mbega mwebwe ntimuzotinya Imana yanyu

26:125

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ

Ntankeka jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe

26:126

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, kandi mungamburukire

26:127

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Kandi ntaco nshaka kuri ibi vyose, mugabo impembo yanje iri ku muremyi w’abantu bose

26:128

أَتَبۡنُونَ بِكُلِّ رِيعٍ ءَايَةً تَعۡبَثُونَ

Mbega mwiyubakira amazu ahari agatumba, uku n’ugufyinata muriko muragira

26:129

وَتَتَّخِذُونَ مَصَانِعَ لَعَلَّكُمۡ تَخۡلُدُونَ

Mukiyubakira n’inzitiro nk’uko mubona yuko muzoramba mubuzima bwanyu bwose

26:130

وَإِذَا بَطَشۡتُم بَطَشۡتُمۡ جَبَّارِينَ

No mugihe muteye abandi mubatera n’ubwishime

26:131

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire

26:132

وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِيٓ أَمَدَّكُم بِمَا تَعۡلَمُونَ

Nimutinye uwabahaye ibi vyose muzi

26:133

أَمَدَّكُم بِأَنۡعَٰمٍ وَبَنِينَ

Ko ariwe yabahaye ibikoko hamwe n’ibibondo vy’abahungu

26:134

وَجَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ

Hamwe n’imirima n’amasoko y’amazi n’inzuzi

26:135

إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٍ

Mu vy’ukuri ndabafitiye ubwoba bw’ibihano vy’umusi w’imperuka

26:136

قَالُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡنَآ أَوَعَظۡتَ أَمۡ لَمۡ تَكُن مِّنَ ٱلۡوَٰعِظِينَ

Nabo bamwishuye bati:- n’ibisanzwe kuri twebwe kuko udushikirije ubwo butumwa canke ntube mubabu dushikiriza

26:137

إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا خُلُقُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ingeso z’abantu baho hambere

26:138

وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ

Natwe ntituzohanwa

26:139

فَكَذَّبُوهُ فَأَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Rero baramuhakana natwe duca tubibiza mumazi, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mu bantu bemera Imana yabo y’ukuri

26:140

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha hamwe n’impuhwe zihagije

26:141

كَذَّبَتۡ ثَمُودُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Bene Thamuda nabo nyene barahakanye intumwa z’Imana

26:142

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ صَٰلِحٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Mugihe mwene wabo yabwira intumwa y’Imana Swaleh (iii) ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu

26:143

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ

Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe

26:144

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, nanje mungamburukire

26:145

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Kandi nanje sindabasaba impembo kuri ivyo, mugabo impembo yanje iri ku muremyi w’ibiremwa vyose

26:146

أَتُتۡرَكُونَ فِي مَا هَٰهُنَآ ءَامِنِينَ

Mbega muzosigwa mumahoro muri ibi bintu biri ngaha iwanyu

26:147

فِي جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ

Mumirima hamwe no mumasoko y’amazi

26:148

وَزُرُوعٍ وَنَخۡلٍ طَلۡعُهَا هَضِيمٌ

N’ibiterwa vy’imitende bifise ivyamwa vyiza

26:149

وَتَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتًا فَٰرِهِينَ

Mukabaza n’imisozi nukuyigira mwo amazu yanyu y’ukwinezereza mwo gusa

26:150

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, nanje mungamburukire

26:151

وَلَا تُطِيعُوٓاْ أَمۡرَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ

Kandi ntimu gamburukire amategeko yabo bahakanyi b’Imana

26:152

ٱلَّذِينَ يُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا يُصۡلِحُونَ

Nabagira ubwononyi gusa kuri iy’Isi mugabo ntibayigire neza

26:153

قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ

Nabo bavuga bati:- mu vy’ukuri wewe uri mubantu barozwe

26:154

مَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٌ مِّثۡلُنَا فَأۡتِ بِـَٔايَةٍ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Wewe ntanakimwe urimwo ahubwo uri umuntu nkatwe, rero nutuzanire ibitangaro niwaba uvugisha ukuri kwama

26:155

قَالَ هَٰذِهِۦ نَاقَةٌ لَّهَا شِرۡبٌ وَلَكُمۡ شِرۡبُ يَوۡمٍ مَّعۡلُومٍ

Nawe abishura ati:- iyi nyana y’Ingamiya nibe ifise izamu ryukunywa amazi, namwe mube mufise izamu ryanyu ryukuvoma k’umusi wageneweko

26:156

وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٍ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابُ يَوۡمٍ عَظِيمٍ

Kandi ntimuyikoreko ngo muyigirire inabi hanyuma ntimuze mufatwe n’ibihano vy’umusi w’imperuka

26:157

فَعَقَرُوهَا فَأَصۡبَحُواْ نَٰدِمِينَ

Mugabo abo bantu barayikereye iyo Ngamiya nukuba mumaganya

26:158

فَأَخَذَهُمُ ٱلۡعَذَابُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Rero ibihano birabafata, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo, mugabo benshi muribo ntibavyemera

26:159

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije

26:160

كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Abantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii) nabone barahakanye intumwa z’Imana

26:161

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ لُوطٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Mugihe yababwira mwene wabo na Lutwi (iii) ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu

26:162

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ

Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe

26:163

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Rero ni mutinye Imana yanyu, nanje mu ngamburukire

26:164

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Kandi jewe sindabasaba impembo kuri ibi vyose, mugabo impembo yanje iri kumana w’ibiremwa vyose

26:165

أَتَأۡتُونَ ٱلذُّكۡرَانَ مِنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Mbega mwebwe murangura amabanga yabubatse n’abagabo nkamwe mubiremwa vy’imana

26:166

وَتَذَرُونَ مَا خَلَقَ لَكُمۡ رَبُّكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ عَادُونَ

Mukareka abo Umuremyi wanyu yabaremeye mubagore banyu, mu vy’ukuri mwebwe muri mubantu mwarenze uburimbi

26:167

قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰلُوطُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُخۡرَجِينَ

Nabo bamwishura bati:- nutareka kutubuza wewe Lutwi (iii) ntankeka wewe uzoba uri mubantu bazokwirukanwa ngaha muri iki gisagara turimwo

26:168

قَالَ إِنِّي لِعَمَلِكُم مِّنَ ٱلۡقَالِينَ

Nawe abishura ati:- mu vy’ukuri jewe ndimu bantu banka cane ivyo bikorwa vyanyu bigaritse vy’umwanda

26:169

رَبِّ نَجِّنِي وَأَهۡلِي مِمَّا يَعۡمَلُونَ

Muremyi wanje nundokore n’aba bantu banje kuri ibi bintu bariko baragira

26:170

فَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ

Natwe duca turamurokora n’abantu biwe bose

26:171

إِلَّا عَجُوزًا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ

Dukuyemwo umutamakazi yari mubicara inyuma y’abandi bose

26:172

ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ

Hanyuma duca turabahonya b’abandi

26:173

وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرًاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ

Duca tubamanurira imvura y’isegenya mbi cane, nayo yari iyaba gabishijwe

26:174

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Ntankeka ibi vyose harimwo ibitekerezo, mugabo benshi muribo ntibari mubantu bemera Imana yabo y’ukuri

26:175

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije

26:176

كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

N’abantu bo mukibira nabone barahakanye intumwa z’Imana

26:177

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ شُعَيۡبٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Mugihe intumwa y’Imana Shuebu (iii) yababwira ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu

26:178

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ

Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe

26:179

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Nimutinye Imana yanyu kandi mu ngamburukire

26:180

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Kandi sindabasaba impembo iyariyo yose, mugabo impembo yanje iri kumuremyi w’ibiremwa vyose

26:181

أَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُخۡسِرِينَ

Nimwuzuze igipimo neza mugabo ntimube mubantu bagabanya kuri ivyo bipimo

26:182

وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِ

Kandi mupime kuminzani y’ukuri

26:183

وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ

Kandi ntimuba gabanirize abantu kubintu vyabo, kandi ntimugendere kuri iy’Isi namwe muri mu bantu b’abononyi

26:184

وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ وَٱلۡجِبِلَّةَ ٱلۡأَوَّلِينَ

Nimutinye uwabaremye hamwe n’ibiremwa vyabayeho vyose

26:185

قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ

Nabo bavuga bati:- mu vy’ukuri wewe uri mubantu barozwe

26:186

وَمَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٌ مِّثۡلُنَا وَإِن نَّظُنُّكَ لَمِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ

Na wewe ntiwari bwabeho, mugabo uri mubantu nkatwe, mu vy’ukuri twebwe tukubona nkuko uri mu bantu b’ababeshi

26:187

فَأَسۡقِطۡ عَلَيۡنَا كِسَفًا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Rero nutumanurire ibimanyu vy’amajuru niwaba uri mubantu bavugisha ukuri

26:188

قَالَ رَبِّيٓ أَعۡلَمُ بِمَا تَعۡمَلُونَ

Nawe abishura ati:- Umuremyi wanje niwe afise ubumenyi buhagije bw’ivyo muriko muragira

26:189

فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمۡ عَذَابُ يَوۡمِ ٱلظُّلَّةِۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٍ

Baramwihakanye baca bahura n’ibihano vy’umusi w’igitutu, ntankeka ivo vyari ibihano vy’umusi uhambaye

26:190

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mubantu bemera Imana yabo y’ukuri

26:191

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije

26:192

وَإِنَّهُۥ لَتَنزِيلُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntankeka iyi Qur’aani ntagatifu nimanurwa ry’Umuremyi w’ibiremwa vyose

26:193

نَزَلَ بِهِ ٱلرُّوحُ ٱلۡأَمِينُ

Yamanuye ibi vyose nukunagura intahe y’ukuri kandi yizigigwa

26:194

عَلَىٰ قَلۡبِكَ لِتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُنذِرِينَ

Hejuru y’umutima wawe kugira ngo ube mu bantu batuza

26:195

بِلِسَانٍ عَرَبِيٍّ مُّبِينٍ

Mururimi rw’icarabu rutomoye neza ruri k’umugaragaro

26:196

وَإِنَّهُۥ لَفِي زُبُرِ ٱلۡأَوَّلِينَ

N’ibi vyose biri mubitabu vy’aho hambere

26:197

أَوَلَمۡ يَكُن لَّهُمۡ ءَايَةً أَن يَعۡلَمَهُۥ عُلَمَٰٓؤُاْ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ

Mbega nticari ikimenyetso kuribo yuko ibi vyose muncabwenge zabene Israeri babizi

26:198

وَلَوۡ نَزَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ بَعۡضِ ٱلۡأَعۡجَمِينَ

Nk’iyo tumanurira kuri umwe muribo atari mubwoko bw’Abarabu

26:199

فَقَرَأَهُۥ عَلَيۡهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ مُؤۡمِنِينَ

Agaca abasomera ayo majambo ntibari kuba mubemera bimwe vy’ukuri

26:200

كَذَٰلِكَ سَلَكۡنَٰهُ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ

Uku rero niko twinjiza mumishaha y’abantu babi

26:201

لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ حَتَّىٰ يَرَوُاْ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ

Nabo ntibazo kwemera kugeza aho bazobona ibihano bibabaza

26:202

فَيَأۡتِيَهُم بَغۡتَةً وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ

Rero bazoshikirwa n’ivyo bihano giturumbuka nabo batabizi

26:203

فَيَقُولُواْ هَلۡ نَحۡنُ مُنظَرُونَ

Bazovuga bati:- mbega twebwe tuzoronswa akanya

26:204

أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ

Mbega bahimiriza kubihano vyacu

26:205

أَفَرَءَيۡتَ إِن مَّتَّعۡنَٰهُمۡ سِنِينَ

Ubibona gute nk’iyo twobanezereza nk’imyaka myinshi

26:206

ثُمَّ جَآءَهُم مَّا كَانُواْ يُوعَدُونَ

Hanyuma ivyo bihano bibashikire nkuko bavyemerewe

26:207

مَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يُمَتَّعُونَ

Bizobamarira iki muvyo banezerejwe

26:208

وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا لَهَا مُنذِرُونَ

Kandi ntitwahoneje igisagara icarico cose, n’uko hari abatuza abantu

26:209

ذِكۡرَىٰ وَمَا كُنَّا ظَٰلِمِينَ

N’icibutso mugabo ntitwari mubahemukiye imitima yacu

26:210

وَمَا تَنَزَّلَتۡ بِهِ ٱلشَّيَٰطِينُ

Nayo mashetani ntiyamanutse n’iyi Qur’aani ntagatifu

26:211

وَمَا يَنۢبَغِي لَهُمۡ وَمَا يَسۡتَطِيعُونَ

Kandi ntibiba kuribo kandi ntibabishoboye

26:212

إِنَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّمۡعِ لَمَعۡزُولُونَ

Ntankeka barazitiwe mukwumva

26:213

فَلَا تَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُعَذَّبِينَ

Rero ntuze usabe iyindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri kugira ngo ntuze ube mu bantu bazohanwa n’Imana

26:214

وَأَنذِرۡ عَشِيرَتَكَ ٱلۡأَقۡرَبِينَ

Utuze abantu bawe muri kumwe nabo n’abari hafi yawe

26:215

وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Kandi wunamike ibaba ryawe kuri urya agukurikira muri barya bakwemeye

26:216

فَإِنۡ عَصَوۡكَ فَقُلۡ إِنِّي بَرِيٓءٌ مِّمَّا تَعۡمَلُونَ

Nibiyonkora wewe nuvuge uti:- jewe ndikure yivyo muriko muragira

26:217

وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ

Kandi wizere Umuremyi wawe gusa afise ububasha n’Impuhwe zihagije

26:218

ٱلَّذِي يَرَىٰكَ حِينَ تَقُومُ

Kuko ariwe akubona aho uhagaze hose

26:219

وَتَقَلُّبَكَ فِي ٱلسَّٰجِدِينَ

N’ihindagurika ryawe ryose hamwe n’abapfukama bose bashize imitwe yabo hasi

26:220

إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Mu vy’kuri Imana niyo yumva kandi niyo nyene ubumenyi buhagije

26:221

هَلۡ أُنَبِّئُكُمۡ عَلَىٰ مَن تَنَزَّلُ ٱلشَّيَٰطِينُ

Mbega ndababwire mubo Amashetani yama amanukirako

26:222

تَنَزَّلُ عَلَىٰ كُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٍ

Amanukira k’umuntu mukuru wumwadukizi w’ikintu afise ibicumuro bininiya cane

26:223

يُلۡقُونَ ٱلسَّمۡعَ وَأَكۡثَرُهُمۡ كَٰذِبُونَ

Babashikiriza amajambo bumvise, mugabo benshi muribo n’ababeshi gusa

26:224

وَٱلشُّعَرَآءُ يَتَّبِعُهُمُ ٱلۡغَاوُۥنَ

N’abategura amajambo y’ubuhizi bakurikiranwa n’abantu bazimiye

26:225

أَلَمۡ تَرَ أَنَّهُمۡ فِي كُلِّ وَادٍ يَهِيمُونَ

Mbega ntubona yuko abo bantu bakikuza kumpande zose

26:226

وَأَنَّهُمۡ يَقُولُونَ مَا لَا يَفۡعَلُونَ

Nabo bakavuga yuko aribo bavuga ivyo badashobora gushira mungiro

26:227

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَذَكَرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرًا وَٱنتَصَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَيَّ مُنقَلَبٍ يَنقَلِبُونَ

Dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza nuguhayagiza Imana kenshi na kenshi nukwihorana mugihe bahemukiwe ivyabo, n’ubu vuba mu bantu bahemukira abandi bazomenya ihindagurika ry’ingene bazo hindagurika

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.