Surah 92 · 21 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-Layl in Rundi

In English with tafsir

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

92:1

وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَغۡشَىٰ

Ndarahiye kw’Ijoro ripfuka ibintu vyose

92:2

وَٱلنَّهَارِ إِذَا تَجَلَّىٰ

No k’Umutaga utanga umuco wayo

92:3

وَمَا خَلَقَ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰٓ

No kuwaremye ikigabo n’ikigore

92:4

إِنَّ سَعۡيَكُمۡ لَشَتَّىٰ

Yuko ibikorwa vyanyu bitandukanye

92:5

فَأَمَّا مَنۡ أَعۡطَىٰ وَٱتَّقَىٰ

Umwe atanga nugutinya Imana yiwe

92:6

وَصَدَّقَ بِٱلۡحُسۡنَىٰ

N’ukwemera ijambo ryiza

92:7

فَسَنُيَسِّرُهُۥ لِلۡيُسۡرَىٰ

Tuzo mworohereza inzira yukuja mw’ijuru

92:8

وَأَمَّا مَنۢ بَخِلَ وَٱسۡتَغۡنَىٰ

N’uwigira ingumyi ntiyiteho kubindi biremwa nkawe

92:9

وَكَذَّبَ بِٱلۡحُسۡنَىٰ

N’uguhakana ibintu vyiza

92:10

فَسَنُيَسِّرُهُۥ لِلۡعُسۡرَىٰ

Tuzo mworohereza inzira y’ukuja muriro udahera

92:11

وَمَا يُغۡنِي عَنۡهُ مَالُهُۥٓ إِذَا تَرَدَّىٰٓ

N’amatungo yiwe ntaco azomumarira mugihe azoba ariko aranyikira mu muriro udahera

92:12

إِنَّ عَلَيۡنَا لَلۡهُدَىٰ

Mu vy’ukuri nikuri twebwe kuba menyesha ibiremwa vyose inzira nziza hamwe n’inzira y’ishari

92:13

وَإِنَّ لَنَا لَلۡأٓخِرَةَ وَٱلۡأُولَىٰ

Mu vy’ukuri twebwe turafise Ijuru n’Isi

92:14

فَأَنذَرۡتُكُمۡ نَارًا تَلَظَّىٰ

Rero nimugabe n’umuriro udahera waka n’inguvu nyinshi cane

92:15

لَا يَصۡلَىٰهَآ إِلَّا ٱلۡأَشۡقَى

Ntawuzo winjira mwo atari umuntu mubi

92:16

ٱلَّذِي كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ

Ariwe ahakana n’ukuyiha umugongo iyi dini y’ukuri

92:17

وَسَيُجَنَّبُهَا ٱلۡأَتۡقَى

Nuwu gamburukira Imana yiwe y’ukuri azokingirwa nuwo muriro udahera

92:18

ٱلَّذِي يُؤۡتِي مَالَهُۥ يَتَزَكَّىٰ

Uwutanga amatungo yiwe kugira ngo yisukure

92:19

وَمَا لِأَحَدٍ عِندَهُۥ مِن نِّعۡمَةٍ تُجۡزَىٰٓ

Mugihe ata n’umwe yamugiriye ineza kugira ngo abe aramuriha iyo neza

92:20

إِلَّا ٱبۡتِغَآءَ وَجۡهِ رَبِّهِ ٱلۡأَعۡلَىٰ

Atari ukurondera impuhwe z’Umuremyi wiwe mutagatifu

92:21

وَلَسَوۡفَ يَرۡضَىٰ

Rero azoronka ikizo muhumuriza

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.