Surah 50 · 45 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Qaf in Rundi

In English with tafsir

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

50:1

قٓۚ وَٱلۡقُرۡءَانِ ٱلۡمَجِيدِ

Qaaf. (Insiguro y’iyi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwayo n’Imana yonyene gusa). Ndarahiye kuri iyi Qur’aani ntagatifu

50:2

بَلۡ عَجِبُوٓاْ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٌ مِّنۡهُمۡ فَقَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا شَيۡءٌ عَجِيبٌ

Ahubwo baratangara yuko mwashikiwe n’uwutuza avuye muribo, nabo abahakanyi b’Imana y’ukuri baca bavuga bati:- iri n’ijambo vy’igitangaza

50:3

أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابًاۖ ذَٰلِكَ رَجۡعُۢ بَعِيدٌ

Yuko mugihe tuzopfa n’ukuba ivu, ingaruka y’ivyo vyose niya kure cane

50:4

قَدۡ عَلِمۡنَا مَا تَنقُصُ ٱلۡأَرۡضُ مِنۡهُمۡۖ وَعِندَنَا كِتَٰبٌ حَفِيظُۢ

Mu vy’ukuri twebwe turazi neza urugero rw’ibintu bigabanywa n’Isi hamwe n’ibiri mumibiri y’abo, n’iwacu niho hari igitabu kibitswe mwo ibintu vyose

50:5

بَلۡ كَذَّبُواْ بِٱلۡحَقِّ لَمَّا جَآءَهُمۡ فَهُمۡ فِيٓ أَمۡرٍ مَّرِيجٍ

Mugabo barahakanye ukuri kwama mugihe kwabashikira nabo bari mu bintu vy’imvururu kuribo

50:6

أَفَلَمۡ يَنظُرُوٓاْ إِلَى ٱلسَّمَآءِ فَوۡقَهُمۡ كَيۡفَ بَنَيۡنَٰهَا وَزَيَّنَّٰهَا وَمَا لَهَا مِن فُرُوجٍ

Mbega ntibabona Amajuru ari hejuru yabo mbega twayubatse gute n’uku yashariza kandi adafise imigaga

50:7

وَٱلۡأَرۡضَ مَدَدۡنَٰهَا وَأَلۡقَيۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجِۭ بَهِيجٍ

N’Isi twarayishashe ko n’ukuyishira ko imisozi n’ukuyinagisha ko ibiterwa vyiza vy’ubwoko bwose

50:8

تَبۡصِرَةً وَذِكۡرَىٰ لِكُلِّ عَبۡدٍ مُّنِيبٍ

Ni nugurura amaso n’icibutso c’umuntu uwariwe wese azoba yatumbereye

50:9

وَنَزَّلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً مُّبَٰرَكًا فَأَنۢبَتۡنَا بِهِۦ جَنَّٰتٍ وَحَبَّ ٱلۡحَصِيدِ

Twaramanuye amazi avuye mubicu ahezagiwe no kuriyo tunagisha imirima n’ibitegwa mbumba rugo

50:10

وَٱلنَّخۡلَ بَاسِقَٰتٍ لَّهَا طَلۡعٌ نَّضِيدٌ

N’ibiti vy’imitende birebire biriko n’ivyamwa vyujuje kandi bigere keranye bimwe kubindi

50:11

رِّزۡقًا لِّلۡعِبَادِۖ وَأَحۡيَيۡنَا بِهِۦ بَلۡدَةً مَّيۡتًاۚ كَذَٰلِكَ ٱلۡخُرُوجُ

Kugira ngo bibe ibifungurwa vy’abantu n’ukuzura ibisagara vyari vyarapfuye, uko rero niko kuzoba ukuzurwa kw’abantu bose

50:12

كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٍ وَأَصۡحَٰبُ ٱلرَّسِّ وَثَمُودُ

Barahakanye abaho hambere yabo mu bantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’abahora baba kwa Rassi na Thamudu

50:13

وَعَادٌ وَفِرۡعَوۡنُ وَإِخۡوَٰنُ لُوطٍ

N’abo kwa Aadi na Fir’auni hamwe n’abo kwa Lutwi

50:14

وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ وَقَوۡمُ تُبَّعٍۚ كُلٌّ كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ وَعِيدِ

N’ababa muma shamba nabo kwa Tubba’a abo bose barahakanye intumwa z’Imana, kuri ivyo rero ituza ryanje ryaraba shikiye

50:15

أَفَعَيِينَا بِٱلۡخَلۡقِ ٱلۡأَوَّلِۚ بَلۡ هُمۡ فِي لَبۡسٍ مِّنۡ خَلۡقٍ جَدِيدٍ

Mbega twararushe mu kurema kwacu kwambere, rero bari n’amakenga gusa kw’irema ryacu rishasha

50:16

وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ وَنَعۡلَمُ مَا تُوَسۡوِسُ بِهِۦ نَفۡسُهُۥۖ وَنَحۡنُ أَقۡرَبُ إِلَيۡهِ مِنۡ حَبۡلِ ٱلۡوَرِيدِ

Ntankeka twaremye ikiremwa muntu natwe tuzi neza ibica k’umutima wiwe, natwe turi hafi cane yiwe gusumba umutsi w’izosi ryiwe

50:17

إِذۡ يَتَلَقَّى ٱلۡمُتَلَقِّيَانِ عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَعَنِ ٱلشِّمَالِ قَعِيدٌ

Mugihe bakiriye abakira uko ari babiri, uwuri k’uruhande rw’iburyo n’uwuri kuruhande rw’ibubanfu

50:18

مَّا يَلۡفِظُ مِن قَوۡلٍ إِلَّا لَدَيۡهِ رَقِيبٌ عَتِيدٌ

Ntawuvuga ijambo iryariryo ryose atari uko hafi yiwe hari uwurindiriye kwandika gusa

50:19

وَجَآءَتۡ سَكۡرَةُ ٱلۡمَوۡتِ بِٱلۡحَقِّۖ ذَٰلِكَ مَا كُنتَ مِنۡهُ تَحِيدُ

N’ugukura umutima mugihe kuzomu shikira bimwe vy’ukuri, aho niho azobwirwa ati:- ibi n’ivyo bintu wahora uhunga

50:20

وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِۚ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡوَعِيدِ

Hazovuzwa inzamba, uwo niwo musi w’imperuka

50:21

وَجَآءَتۡ كُلُّ نَفۡسٍ مَّعَهَا سَآئِقٌ وَشَهِيدٌ

Hazoshika umutima w’umwumwe wese hamwe n’uwuwu cungereye hamwe n’icabona ciwe

50:22

لَّقَدۡ كُنتَ فِي غَفۡلَةٍ مِّنۡ هَٰذَا فَكَشَفۡنَا عَنكَ غِطَآءَكَ فَبَصَرُكَ ٱلۡيَوۡمَ حَدِيدٌ

Mu vy’ukuri wari warasamaye n’ibi bintu, rero turagukuriye ko uru ruzitiro rwawe, n’ukubona kwawe uno musi kubaye ugukaze cane

50:23

وَقَالَ قَرِينُهُۥ هَٰذَا مَا لَدَيَّ عَتِيدٌ

Nawa mumarayika bari kumwe nawe azovuga ati:- ibi nivyo vyateguwe kuri jewe

50:24

أَلۡقِيَا فِي جَهَنَّمَ كُلَّ كَفَّارٍ عَنِيدٍ

Nimu mujugunyire mumuriro udahera witiriwe Jahannamu k’umuhakanyi w’Imana yiyonkoye

50:25

مَّنَّاعٍ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٍ مُّرِيبٍ

Uwubuza kugira ineza n’ukurenga imbibe zagenywe n’Imana n’uwahora yitera amakenga kubw’iwe

50:26

ٱلَّذِي جَعَلَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَأَلۡقِيَاهُ فِي ٱلۡعَذَابِ ٱلشَّدِيدِ

Uwashizeho iyindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri, uyo nimu mujugunyire mu bihano bikaze cane

50:27

قَالَ قَرِينُهُۥ رَبَّنَا مَآ أَطۡغَيۡتُهُۥ وَلَٰكِن كَانَ فِي ضَلَٰلِۭ بَعِيدٍ

Mugenzi wiwe yavuze ati:- ewe Muremyi wacu, sina muzimije kugahato ahubwo niwe wenyene yari mubuzimire bwa kure cane

50:28

قَالَ لَا تَخۡتَصِمُواْ لَدَيَّ وَقَدۡ قَدَّمۡتُ إِلَيۡكُم بِٱلۡوَعِيدِ

Imana izo vuga iti:- ntimugire amatati imbere yanje, kuko ndamaze gushira imbere igabisho ryanje

50:29

مَا يُبَدَّلُ ٱلۡقَوۡلُ لَدَيَّ وَمَآ أَنَا۠ بِظَلَّٰمٍ لِّلۡعَبِيدِ

Ijambo ryanje ntirihindurwa, canke jewe simpemukira abantu banje

50:30

يَوۡمَ نَقُولُ لِجَهَنَّمَ هَلِ ٱمۡتَلَأۡتِ وَتَقُولُ هَلۡ مِن مَّزِيدٍ

Umusi tuzobwira umuriro udahera witiriwe Jahannamu duti:- mbega wujuje? Nawo uzokwishura uti:- mbega hari abandi bongerezwa mwo

50:31

وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ غَيۡرَ بَعِيدٍ

N’Ijuru rizo kwegerezwa hafi kubantu batinya Imana yabo y’ukuri kandi ntirizoba kure y’abo

50:32

هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِكُلِّ أَوَّابٍ حَفِيظٍ

Ibi nivyo mwemerewe k’uwuzo tumbera ku Mana n’ukwirinda

50:33

مَّنۡ خَشِيَ ٱلرَّحۡمَٰنَ بِٱلۡغَيۡبِ وَجَآءَ بِقَلۡبٍ مُّنِيبٍ

N’uwutinya Imana nyene impuhwe zihagije mugihe atayibona hanyuma akaza afise umutima utumbereye ku Mana yiwe

50:34

ٱدۡخُلُوهَا بِسَلَٰمٍۖ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡخُلُودِ

Ni mwinjire mw’Ijuru n’amahoro, uwo niwo musi w’ukwicara yo mu buzima bwanyu bwose

50:35

لَهُم مَّا يَشَآءُونَ فِيهَا وَلَدَيۡنَا مَزِيدٌ

Muri iryo Juru bazoronkera yo ivyo bipfuza mwo vyose, n’iwacu niho hariho vy’inshi gusumba ivyo

50:36

وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّن قَرۡنٍ هُمۡ أَشَدُّ مِنۡهُم بَطۡشًا فَنَقَّبُواْ فِي ٱلۡبِلَٰدِ هَلۡ مِن مَّحِيصٍ

N’abantu bangahe twahoneje imbere yabo bakaba bari bafise ubushobozi kubasumba, nabo baragenda gendeye mu bihugu vyinshi, mbega hariho ubuhungiro

50:37

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَذِكۡرَىٰ لِمَن كَانَ لَهُۥ قَلۡبٌ أَوۡ أَلۡقَى ٱلسَّمۡعَ وَهُوَ شَهِيدٌ

Mu vy’ukuri kuri rino jambo harimwo icibutso k’uwufise umutima canke k’uwutega amatwi yiwe kandi nawe abe ariho

50:38

وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٍ وَمَا مَسَّنَا مِن لُّغُوبٍ

Twararemye Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati y’avyo mu myanya y’imisi itandatu, kandi ntaburuhe twaronse

50:39

فَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ قَبۡلَ طُلُوعِ ٱلشَّمۡسِ وَقَبۡلَ ٱلۡغُرُوبِ

Rero niwigumye kuri ibi vyose bavuga, nawe uhayagize Umuremyi wawe n’ukuyihimbaza imbere yuko izuba riseruka n’imbere yuko bugoroba

50:40

وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡهُ وَأَدۡبَٰرَ ٱلسُّجُودِ

No mw’Ijoro uyihayagize n’inyuma y’ugushira umutwe wawe hasi

50:41

وَٱسۡتَمِعۡ يَوۡمَ يُنَادِ ٱلۡمُنَادِ مِن مَّكَانٍ قَرِيبٍ

Kandi wumvirize umusi azo hamagara uwuhamagara avuye ahantu hafi cane

50:42

يَوۡمَ يَسۡمَعُونَ ٱلصَّيۡحَةَ بِٱلۡحَقِّۚ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡخُرُوجِ

Umusi bazokwumva akamo k’ijwi ry’ukuri, uwo niwo musi w’ukuva muntatemwa zabo

50:43

إِنَّا نَحۡنُ نُحۡيِۦ وَنُمِيتُ وَإِلَيۡنَا ٱلۡمَصِيرُ

Ntankeka twebwe turarema n’ukwica, n’ingaruka y’abantu iri iwacu

50:44

يَوۡمَ تَشَقَّقُ ٱلۡأَرۡضُ عَنۡهُمۡ سِرَاعًاۚ ذَٰلِكَ حَشۡرٌ عَلَيۡنَا يَسِيرٌ

Igihe Isi izoba sadukira bayive mwo n’ingoga na n’ingoga, iryo rizoba ari ihwaniro ryoroshe cane kuri twebwe

50:45

نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَقُولُونَۖ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِجَبَّارٍۖ فَذَكِّرۡ بِٱلۡقُرۡءَانِ مَن يَخَافُ وَعِيدِ

Twebwe turafise ubumenyi bwinshi bw’ivyo bavuga, kandi wewe ntujejwe kuba hagarikira, ahubwo n’ubibutse ukoresheje iyi Qur’ani ntagatifu k’uwutinya ituza ryanje

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.