Surah 51 · 60 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Surah Adh-Dhariyat in Rundi
بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
ذُوقُواْ فِتۡنَتَكُمۡ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تَسۡتَعۡجِلُونَ
Ni muhonje ibihano vyanyu, kuko ibi vyose nivyo mwahora muhimiriza
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ
Mu vy’ukuri aba gamburukira Imana yabo y’ukuri bazoba bari mu mirima myiza hamwe n’amasoko y’amazi y’umusarara
ءَاخِذِينَ مَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُحۡسِنِينَ
Bakira ivyo Umuremyi wabo yabahaye, mu vy’ukuri bahora bagira ineza imbere yibi vyose
كَانُواْ قَلِيلًا مِّنَ ٱلَّيۡلِ مَا يَهۡجَعُونَ
Bahora baryama itiro rikeyi cane mugihe c’ijoro
وَفِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقٌّ لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ
No mu matungo yabo hari ngombwa yuguha umukene asegereza hamwe n’uwigumya mukuda saba
وَفِي ٱلۡأَرۡضِ ءَايَٰتٌ لِّلۡمُوقِنِينَ
No kuri iy’Isi harimwo ibimenyetso kubafise ivyemezo nyakuri
وَفِي ٱلسَّمَآءِ رِزۡقُكُمۡ وَمَا تُوعَدُونَ
No mu Majuru hariho imigisha yanyu kandi mwemerewe
فَوَرَبِّ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ إِنَّهُۥ لَحَقٌّ مِّثۡلَ مَآ أَنَّكُمۡ تَنطِقُونَ
Rero ndarahiye ku Muremyi w’Ijuru n’Isi yuko mu vy’ukuri ibi vyose ni vy’ukuri nkuko bimeze n’ingene mubivuga
هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ
Mbega warashikiwe n’inkuru z’abashitsi b’iteka b’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمًاۖ قَالَ سَلَٰمٌ قَوۡمٌ مُّنكَرُونَ
Mugihe binjira munzu yiwe bavuga bati:- Amahoro y’Imana abe kuri wewe ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii) nawe abishura ati:- Amahoro y’Imana abe kuri mwebwe bashitsi ntamenye
فَرَاغَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ فَجَآءَ بِعِجۡلٍ سَمِينٍ
Mukanya aca agenda murugo iwe no kumutambukanyi wiwe arabazimana intama nziza inuze
فَقَرَّبَهُۥٓ إِلَيۡهِمۡ قَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ
Arabashikiriza hafi y’abo n’ukuvuga ati:- mbega ko muda fungura
فَأَوۡجَسَ مِنۡهُمۡ خِيفَةًۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ وَبَشَّرُوهُ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٍ
Aca abagirira ko amakenga, nabo baca bavuga bati:- ntutinye, nabo baca bamushikiriza inkuru nziza z’ikibondo gifise ubumenyi buhagije
فَأَقۡبَلَتِ ٱمۡرَأَتُهُۥ فِي صَرَّةٍ فَصَكَّتۡ وَجۡهَهَا وَقَالَتۡ عَجُوزٌ عَقِيمٌ
Ninaho umunega w’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) y’aba tumbera nawe avuga yikubita mumaso n’igitangaro cinshi avuga ati:- umukecuru nkanje kandi w’ingumba nzo vyara
قَالُواْ كَذَٰلِكِ قَالَ رَبُّكِۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡعَلِيمُ
Nabo bamwishura bati:- egome, nuko nyene n’uko Umuremyi wawe yabivuze, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubuhizi ifise n’ubumenyi bw’ibintu vyose
قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Yavuze ati:- none ivyipfuzo vyanyu n’ibihe mwebwe mwarungitswe
قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٍ مُّجۡرِمِينَ
Nabo bishura bati:- mu vy’ukuri twebwe twarungitswe kugira ngo tugende guhonya b’abantu babi
لِنُرۡسِلَ عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةً مِّن طِينٍ
Kugira ngo tubajugunyire ko iminana y’ivyondo vy’umuriro
مُّسَوَّمَةً عِندَ رَبِّكَ لِلۡمُسۡرِفِينَ
Yashizwe ko ibimenyetso n’Umuremyi wawe kubera abo bantu barenze imbibe z’Imana kubijanye n’ibicumuro vyabo
فَأَخۡرَجۡنَا مَن كَانَ فِيهَا مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Kubera ivyo, twakuye mwo abemeye Imana yabo y’ukuri bari muri ico gisagara
فَمَا وَجَدۡنَا فِيهَا غَيۡرَ بَيۡتٍ مِّنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Mugabo ntitwahasanze muri ico gisagara atari inzu imwe y’aba Isilamu
وَتَرَكۡنَا فِيهَآ ءَايَةً لِّلَّذِينَ يَخَافُونَ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ
Dusigamwo ikimenyetso kuri bamwe batinya ibihano bibabaza
وَفِي مُوسَىٰٓ إِذۡ أَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ بِسُلۡطَٰنٍ مُّبِينٍ
No kunkuru y’intumwa y’Imana Mussa (iii) igihe twamutwara kwa Fir’auni dufise ivyemezo biri k’umugaragaro
فَتَوَلَّىٰ بِرُكۡنِهِۦ وَقَالَ سَٰحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٌ
Mugabo yarahakanye kubera ubushobozi bwiwe n’ukuvuga ati:- uyu muntu n’umurozi canke n’umusazi
فَأَخَذۡنَٰهُ وَجُنُودَهُۥ فَنَبَذۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ وَهُوَ مُلِيمٌ
Duca turamufata hamwe n’ingabo ziwe n’ukuba jugunya mukiyaga, kandi nawe atabwa ko n’umwikomo
وَفِي عَادٍ إِذۡ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلرِّيحَ ٱلۡعَقِيمَ
No kunkuru y’intumwa y’Imana Aadi (iii) mugihe twaba rungikira umuyaga ukaze cane w’ukubahonya
مَا تَذَرُ مِن شَيۡءٍ أَتَتۡ عَلَيۡهِ إِلَّا جَعَلَتۡهُ كَٱلرَّمِيمِ
Ntiwa sigaza ikintu icarico cose cawushikiye, ahubwo cawugize nk’umugozi uhoyahoya
وَفِي ثَمُودَ إِذۡ قِيلَ لَهُمۡ تَمَتَّعُواْ حَتَّىٰ حِينٍ
N’inkuru zabo kwa Thamuda mugihe bavuga bati:- ni mwinezereze kugihe kigufiya gusa
فَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ وَهُمۡ يَنظُرُونَ
Barahakana itegeko ry’Umuremyi wabo, mukanya isase umucanwa w’inkuba niwo wasokoye imitima yabo nabo bibonera
فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مِن قِيَامٍ وَمَا كَانُواْ مُنتَصِرِينَ
Nti bashoboye guhagarara canke nti bashoboye kwirwanako
وَقَوۡمَ نُوحٍ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا فَٰسِقِينَ
N’abantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) nabone imbere yabo, mu vy’ukuri bari mu bantu b’abahakanyi b’Imana y’ukuri
وَٱلسَّمَآءَ بَنَيۡنَٰهَا بِأَيۡيْدٍ وَإِنَّا لَمُوسِعُونَ
N’amajuru twayagize k’ububasha bwacu, mu vy’ukuri ni twebwe bene ubushobozi bw’ibintu vyose
وَٱلۡأَرۡضَ فَرَشۡنَٰهَا فَنِعۡمَ ٱلۡمَٰهِدُونَ
N’Isi twarayishashe, rero abayishashe neza twebwe turi mu bantu beza gute
وَمِن كُلِّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَا زَوۡجَيۡنِ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ
Mu vy’ukuri ibintu vyose twabiremye harimwo ikigabo n’ikigore kugira ngo mutegere neza
فَفِرُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٌ مُّبِينٌ
Rero ni mwirukire ku Mana, jewe kuri mwebwe ndi uwutuza k’umugaragaro mvuye iwe
وَلَا تَجۡعَلُواْ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٌ مُّبِينٌ
Kandi ntimugire uwundi kuba ariwe asengwa hamwe n’Imana, ntankeka jewe ndi mubatuza mboneka neza kuri mwebwe, kandi mvuye iwe
كَذَٰلِكَ مَآ أَتَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا قَالُواْ سَاحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٌ
Nuko rero nta ntumwa y’Imana iyariyo yose yashikiye abamyeho imbere yabo atari uko bavuga bati:- uyu n’umurozi canke n’umusazi
أَتَوَاصَوۡاْ بِهِۦۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٌ طَاغُونَ
Mbega harico bapfana nibi bintu? Mugabo n’abantu babi cane
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَمَآ أَنتَ بِمَلُومٍ
Ntaco ni mubareke gutyo nyene, na wewe ntuzo tabwako umwikomo
وَذَكِّرۡ فَإِنَّ ٱلذِّكۡرَىٰ تَنفَعُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
N’ubandanye ubibutsa, kuko uko kwibutsa kwawe niko kuzofasha abemera Imana yabo y’ukuri
وَمَا خَلَقۡتُ ٱلۡجِنَّ وَٱلۡإِنسَ إِلَّا لِيَعۡبُدُونِ
Sinaremye ibisigo n’abantu mugabo n’uko bonsega
مَآ أُرِيدُ مِنۡهُم مِّن رِّزۡقٍ وَمَآ أُرِيدُ أَن يُطۡعِمُونِ
Sinkeneye kuribo imigisha iyariyo yose, canke sinkeneye kuribo yuko bondisha
إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلرَّزَّاقُ ذُو ٱلۡقُوَّةِ ٱلۡمَتِينُ
Mu vy’ukuri Imana niyo mutanzi w’imigisha, kandi niyo nyene ubushobozi bukwiye
فَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ ذَنُوبًا مِّثۡلَ ذَنُوبِ أَصۡحَٰبِهِمۡ فَلَا يَسۡتَعۡجِلُونِ
Mu vy’ukuri bamwe bahemukiye imitima yabo bazoba bafise ahandi hantu nkaha bagenzi babo bari, rero ntiba ntware gihuti huti
فَوَيۡلٌ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن يَوۡمِهِمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ
Ibihano bikaze cane bizoshikira bamwe bahakana umusi wabo bemerewe
Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.