Surah 52 · 49 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Surah At-Tur in Rundi
بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
يَوۡمَ يُدَعُّونَ إِلَىٰ نَارِ جَهَنَّمَ دَعًّا
Umusi bazosunikwa mu muriro udahera witiriwe Jahannamu k’umusuniko w’inguvu
ٱصۡلَوۡهَا فَٱصۡبِرُوٓاْ أَوۡ لَا تَصۡبِرُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡكُمۡۖ إِنَّمَا تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Ni muwinjiremwo uwo muriro udahera murinda canke mutarinda, vyose ni kimwe kuri mwebwe, kuko murihwa kuvyo mwahora mukora
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٍ وَنَعِيمٍ
Mu vy’ukuri aba gamburukira Imana yabo y’ukuri bazoba bari mumirima n’imigisha myiza
فَٰكِهِينَ بِمَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ وَوَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ
Banezerezwa n’ivyo Umuremyi wabo yabahaye, n’Umuremyi wabo yarabakingiye n’ibihano vy’umuriro udahera waka cane
كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Ni mufungure kandi munywe n’umunezero ntangere kuvyo mwahora mugira
مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ سُرُرٍ مَّصۡفُوفَةٍۖ وَزَوَّجۡنَٰهُم بِحُورٍ عِينٍ
Bazoba begamiye ku nyegamo z’iteka zatondeshejwe kumirongo, hanyuma tubahe n’abagore beza beza basharije bafise amaso manini maniniya
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱتَّبَعَتۡهُمۡ ذُرِّيَّتُهُم بِإِيمَٰنٍ أَلۡحَقۡنَا بِهِمۡ ذُرِّيَّتَهُمۡ وَمَآ أَلَتۡنَٰهُم مِّنۡ عَمَلِهِم مِّن شَيۡءٍۚ كُلُّ ٱمۡرِيِٕۭ بِمَا كَسَبَ رَهِينٌ
Na bamwe bemeye Imana yabo bimwe biboneka baga kurikirwa n’urunganwe rw’ibibondo vyabo n’ukwemera kwabo, abo bantu tuzoba huza nabo bagenzi b’abo, kandi ntituzoba gunga ku bikorwa vyabo, umwe wese azorihwa kuvyo yimbuye
وَأَمۡدَدۡنَٰهُم بِفَٰكِهَةٍ وَلَحۡمٍ مِّمَّا يَشۡتَهُونَ
Tuzobaha ivyamwa hamwe n’Inyama nk’uko bavyipfuza
يَتَنَٰزَعُونَ فِيهَا كَأۡسًا لَّا لَغۡوٌ فِيهَا وَلَا تَأۡثِيمٌ
Bazo hanahana ibirahuri vyujujwe mwo ibinyobwa bitazana mwo amajambo ataco amaze, canke arimwo ibicumuro
وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ غِلۡمَانٌ لَّهُمۡ كَأَنَّهُمۡ لُؤۡلُؤٌ مَّكۡنُونٌ
Hazocamwo abakozi babo babereye nkuko womenga n’ubutare bw’umwakaka
قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا قَبۡلُ فِيٓ أَهۡلِنَا مُشۡفِقِينَ
Bavuga bati:- kera twari kumwe n’abantu bacu dutinya Imana yacu
فَمَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا وَوَقَىٰنَا عَذَابَ ٱلسَّمُومِ
Imana nayo yaratugiriye imbabazi n’ukuturokora n’ibihano vy’umuyaga w’umuriro udahera
إِنَّا كُنَّا مِن قَبۡلُ نَدۡعُوهُۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡبَرُّ ٱلرَّحِيمُ
Mu vy’ukuri twebwe aho hambere twarasenga Imana yonyene rudende, mu vy’ukuri niyo nyene imbabazi n’Impuhwe zihagije
فَذَكِّرۡ فَمَآ أَنتَ بِنِعۡمَتِ رَبِّكَ بِكَاهِنٍ وَلَا مَجۡنُونٍ
Rero n’ubandanye ubibutsa kubera imigisha yUmuremyi wawe, nturi umurozi kandi nturi umusazi
أَمۡ يَقُولُونَ شَاعِرٌ نَّتَرَبَّصُ بِهِۦ رَيۡبَ ٱلۡمَنُونِ
Egome baravuga yuko ari umwanditsi w’amajambo y’ubuhizi gusa, natwe tumurabira yuko ashikirwa n’urupfu
قُلۡ تَرَبَّصُواْ فَإِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُتَرَبِّصِينَ
Vuga uti:- ni murindire nanje ndi kumwe namwe mu bantu barindiriye
أَمۡ تَأۡمُرُهُمۡ أَحۡلَٰمُهُم بِهَٰذَآۚ أَمۡ هُمۡ قَوۡمٌ طَاغُونَ
Canke ubwo bwenge bwabo buhanitse nibwo bubategeka ibi vyose, canke nibo bantu b’amanyama gusa
أَمۡ يَقُولُونَ تَقَوَّلَهُۥۚ بَل لَّا يُؤۡمِنُونَ
Canke nibo bavuga yuko iyi Qur’ani ariwe yayi yandikiye kubwiwe, ahubwo nta na kimwe bemera
فَلۡيَأۡتُواْ بِحَدِيثٍ مِّثۡلِهِۦٓ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ
Rero ni bazane ibiganiro nk’ibi niba bavugisha ukuri
أَمۡ خُلِقُواْ مِنۡ غَيۡرِ شَيۡءٍ أَمۡ هُمُ ٱلۡخَٰلِقُونَ
Mbega baremwe ata kintu kiriho, canke nibo biremye
أَمۡ خَلَقُواْ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَۚ بَل لَّا يُوقِنُونَ
Canke nibo baremye Amajuru n’Isi? Ahubwo ntavyemezo bafise bw’ikintu na kimwe
أَمۡ عِندَهُمۡ خَزَآئِنُ رَبِّكَ أَمۡ هُمُ ٱلۡمُصَۜيۡطِرُونَ
Canke barafise ububiko bw’Umuremyi wawe, canke nibo bene gucisha aho bashaka kumategeko yabo
أَمۡ لَهُمۡ سُلَّمٌ يَسۡتَمِعُونَ فِيهِۖ فَلۡيَأۡتِ مُسۡتَمِعُهُم بِسُلۡطَٰنٍ مُّبِينٍ
Canke barafise idugiro badugira ko ry’ukumviriza ibivugirwa yo, wewe ubumviriza n’uzane ivyemezo biri k’umugaragaro
أَمۡ لَهُ ٱلۡبَنَٰتُ وَلَكُمُ ٱلۡبَنُونَ
Canke irafise ibibondo vy’abakobwa, namwe murafise ibibondo vy’abahungu
أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ أَجۡرًا فَهُم مِّن مَّغۡرَمٍ مُّثۡقَلُونَ
Canke urabasaba impembo kuri ivyo baremerewe ko hamwe n’amagarama yayo
أَمۡ يُرِيدُونَ كَيۡدًاۖ فَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ هُمُ ٱلۡمَكِيدُونَ
Canke bagomba bagire amarorerwa, mugabo abahakanye Imana y’abo y’ukuri nibo bazofatwa
أَمۡ لَهُمۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِۚ سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Canke iwabo hariho uwundi Muremyi atari Imana? Imana irisukuye nabo bayigereranya nayo
وَإِن يَرَوۡاْ كِسۡفًا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ سَاقِطًا يَقُولُواْ سَحَابٌ مَّرۡكُومٌ
Naho bari kubona ikintu kivuye k’uruhande rwo mw’Ijuru gikorotse hasi bari kuvuga bati:- ibi n’ibicu bigerekeranye kubindi
فَذَرۡهُمۡ حَتَّىٰ يُلَٰقُواْ يَوۡمَهُمُ ٱلَّذِي فِيهِ يُصۡعَقُونَ
Rero n’ubareke kugeza naho bazokorana, n’umusi waho imitima yabo izo sokorwa
يَوۡمَ لَا يُغۡنِي عَنۡهُمۡ كَيۡدُهُمۡ شَيۡـًٔا وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
N’umusi waho ingeso zabo ataco zizoba marira n’ikintu na gitoyi kandi batazo rokorwa
وَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ عَذَابًا دُونَ ذَٰلِكَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Mu vy’ukuri bamwe bahemukiye imitima yabo bazoba bafise ibindi bihano, mugabo benshi muribo ntana kimwe bazi
وَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ فَإِنَّكَ بِأَعۡيُنِنَاۖ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ حِينَ تَقُومُ
N’urIndire intahe y’Umuremyi wawe, mu vy’ukuri wewe uri imbere y’amaso yacu, kandi n’utakambire Umuremyi wawe gusa kandi uyihayagize mugihe uhagaze uriko urasenga ibisabisho vyose
وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡهُ وَإِدۡبَٰرَ ٱلنُّجُومِ
No hagati mw’ijoro nahone n’uyitakambire n’igihe inyenyeri ziserutse
Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.