Surah 53 · 62 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Surah An-Najm in Rundi
بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
إِنۡ هُوَ إِلَّا وَحۡيٌ يُوحَىٰ
Ntivyari kuba ibi vyose avuga atari uko ari ubutumwa bw’Imana yahawe
فَكَانَ قَابَ قَوۡسَيۡنِ أَوۡ أَدۡنَىٰ
Guca kuba ubube bw’abo bwo hafi nk’umuheto n ’uwundi biri hafi cane
لَقَدۡ رَأَىٰ مِنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ
Mu vy’ukuri yarabonye ibintu bikuru bikuru mu bimenyetso vy’Umuremyi wiwe
أَلَكُمُ ٱلذَّكَرُ وَلَهُ ٱلۡأُنثَىٰ
Mbega mwebwe murafise ibibondo vy’abahungu nayo ikaba ifise ibibondo vy’abakobwa
إِنۡ هِيَ إِلَّآ أَسۡمَآءٌ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَمَا تَهۡوَى ٱلۡأَنفُسُۖ وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّن رَّبِّهِمُ ٱلۡهُدَىٰٓ
Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari amazina gusa mwabahaye mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, Imana rero ntiyamanuye ibimenyetso kuri ivyo kuko badakurikiza atari ivyo bikeka ko nivyo imitima yabo yipfuza, mu vy’ukuri uburokoke bwabashikiye buvuye kumuremyi wabo
وَكَم مِّن مَّلَكٍ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ لَا تُغۡنِي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ أَن يَأۡذَنَ ٱللَّهُ لِمَن يَشَآءُ وَيَرۡضَىٰٓ
Hariho Abamarayika bangahe mw’ijuru, ubusabizi bwabo butazo fasha atari munyuma yaho Imana izotanga uruhusha kuwo yishakiye nuku mwemerera
إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ لَيُسَمُّونَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ تَسۡمِيَةَ ٱلۡأُنثَىٰ
Mu vy’ukuri bamwe batemera umusi w’imperukara bahamagara Abamarayika ku mazina y’abakenyezi
وَمَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّۖ وَإِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـًٔا
Nabo ntabumenyi bafise kuri ivyo, kuko bada kurikiza atari ukwikekeranya gusa, mu vy’ukuri ukwikeka ntigufasha ikintu na kimwe imbere y’ukuri
فَأَعۡرِضۡ عَن مَّن تَوَلَّىٰ عَن ذِكۡرِنَا وَلَمۡ يُرِدۡ إِلَّا ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا
Rero ni wirinde na bamwe baha ibitugu vyabo iki cibutso cacu kandi ntibashaka atari ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa
ذَٰلِكَ مَبۡلَغُهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱهۡتَدَىٰ
Aya niyo maherezo yabo mu kumenya kwabo, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’umuntu yazimiye munzira yiwe kandi niyo ifise n’ubumenyi bw’uwarokotse
وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ بِمَا عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ بِٱلۡحُسۡنَى
Ni vy’Imana ibiri mumajuru hamwe n’ibiri kw’Isi kugira ngo ibahembe abantu babi kumabi yabo yose bagira, n’uguhemba ineza kubantu bagira ineza
ٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَۚ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلۡمَغۡفِرَةِۚ هُوَ أَعۡلَمُ بِكُمۡ إِذۡ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَإِذۡ أَنتُمۡ أَجِنَّةٌ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡۖ فَلَا تُزَكُّوٓاْ أَنفُسَكُمۡۖ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ
Abatitaho ku bicumuro bikuru bikuru hamwe n’ibikorwa vy’umwanda, dukuye mwo amakosa mato mato, ntankeka Umuremyi wawe niwe nyene ikigongwe cinshi, kandi niyo ibazi cane kuva akibarema kuri iy’Isi, no kuva mukiri imbanyi z’abavyeyi banyu, rero ntimusukure imitima yanyu, kuko niyo ifise ubumenyi buhagije bw’uwisukuye
أَمۡ لَمۡ يُنَبَّأۡ بِمَا فِي صُحُفِ مُوسَىٰ
Canke ntiyabwiwe ibiri mu bitabu vy’’intumwa y’Imana Mussa (iii)
وَإِبۡرَٰهِيمَ ٱلَّذِي وَفَّىٰٓ
Hamwe n’ibitabu vy’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yakwijije indagano y’Imana
وَأَن لَّيۡسَ لِلۡإِنسَٰنِ إِلَّا مَا سَعَىٰ
N’umuntu ntazoronka icarico cose atari kukintu yakoze
وَأَنَّهُۥ خَلَقَ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰ
Kandi niyo yaremye ibintu bibiri ikigabo n’ikigore mubintu vyose
وَقَوۡمَ نُوحٍ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ هُمۡ أَظۡلَمَ وَأَطۡغَىٰ
N’imbere y’abo abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabone barahemukiye imitima yabo gusumba ayandi mabi cane
Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.