Surah 37 · 182 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Surah As-Saffat in Rundi
بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَرَبُّ ٱلۡمَشَٰرِقِ
Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibimwo hagati yavyo kandi n’Umuremyi w’ubuseruko bwose
إِنَّا زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِزِينَةٍ ٱلۡكَوَاكِبِ
Ntankeka twebwe twarasharije Ijuru riri hafi kw’isharizo ry’Inyenyeri
لَّا يَسَّمَّعُونَ إِلَى ٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰ وَيُقۡذَفُونَ مِن كُلِّ جَانِبٍ
Ntibashobore kwumviriza ibiremwa vyeranda no mugihe birukanywe kumpande zose
إِلَّا مَنۡ خَطِفَ ٱلۡخَطۡفَةَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٌ ثَاقِبٌ
Dukuye mwo uwusahuye ikintu gitoyi munyuma agaca akurikiranwa n’igishirira gisayangana
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَهُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَم مَّنۡ خَلَقۡنَآۚ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّن طِينٍ لَّازِبِۭ
Nimubabaze muti:- mbega nibo bafise ishusho rikomeye cane canke barya twaremye, ntankeka ni twebwe twabaremye tubakuye mw’ivu rimatanye n’irindi
وَقَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٌ مُّبِينٌ
Nukuvuga bati:- ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari uburozi buri k’umugaragaro
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابًا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ
Mbega mugihe tuzosandaba nukuba ivu n’amagufa niko kuzoba ari ukuri kukuzurwa
قُلۡ نَعَمۡ وَأَنتُمۡ دَٰخِرُونَ
Vuga uti:- egome muri ico gihe muzoba muri mubihano bitazoba vako
فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٌ وَٰحِدَةٌ فَإِذَا هُمۡ يَنظُرُونَ
Iyo mumuriro udahera hazoba hari induru yurutavana ko munyuma yaho bazobona umuhero w’Isi washitse
هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Uwu niwo musi wugucibwa urubanza mwahora muhakana
ٱحۡشُرُواْ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ وَأَزۡوَٰجَهُمۡ وَمَا كَانُواْ يَعۡبُدُونَ
Begeranye bamwe bahemukiye imitima yabo hamwe n’abagenzi babo hamwe nabo bahora basenga
مِن دُونِ ٱللَّهِ فَٱهۡدُوهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطِ ٱلۡجَحِيمِ
Aho gusenga Imana nimuba rongore munzira yomu muriro udahera witiriwe Jahannamu
قَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَأۡتُونَنَا عَنِ ٱلۡيَمِينِ
Bavuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mwamye mudushikira munzira z’ukuri
قَالُواْ بَل لَّمۡ تَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ
Nabo bishure bati:- ahubwo mwebwe bonyene ntimwari muba Isilamu
وَمَا كَانَ لَنَا عَلَيۡكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭۖ بَلۡ كُنتُمۡ قَوۡمًا طَٰغِينَ
Ntabubasha twari dufise hejuru yanyu mugabo mwebwe nyene mwari mubataye umurongo w’ukuri
فَحَقَّ عَلَيۡنَا قَوۡلُ رَبِّنَآۖ إِنَّا لَذَآئِقُونَ
Rero intahe y’Umuremyi wacu iramaze gucibwa ntankeka tuzoyihonja
فَأَغۡوَيۡنَٰكُمۡ إِنَّا كُنَّا غَٰوِينَ
Nitwebwe bonyene twabatakaje tukaba twari mubantu bazimiye
فَإِنَّهُمۡ يَوۡمَئِذٍ فِي ٱلۡعَذَابِ مُشۡتَرِكُونَ
Rero mu vy’ukuri kuri uwo musi bazoba bari mubihano bakoranijwe hamwe
إِنَّهُمۡ كَانُوٓاْ إِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا ٱللَّهُ يَسۡتَكۡبِرُونَ
Mugihe bahora babwirwa yuko atayindi Mana itegerezwa gusengwa bimwe vy’ukuri atari Imana y’ukuri baguma banana
وَيَقُولُونَ أَئِنَّا لَتَارِكُوٓاْ ءَالِهَتِنَا لِشَاعِرٍ مَّجۡنُونِۭ
Nukuvuga bati:- yo! twebwe dusige Imana zacu kubera uyo ategura amajambo y’ubuhizi nawe ari umusazi
بَلۡ جَآءَ بِٱلۡحَقِّ وَصَدَّقَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ahubwo yaje afise ukuri nukwemeza intumwa z’Imana zose zabaye imbere yiwe
إِنَّكُمۡ لَذَآئِقُواْ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَلِيمِ
Mu vy’ukuri mwebwe ntankeka muzohonja ibihano bibabaza cane
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Dukuyemwo abantu beranda b’Imana bagize ibikorwa vyabo vyiza
بَيۡضَآءَ لَذَّةٍ لِّلشَّٰرِبِينَ
Vyera derere bifise n’akanovera kuri abo bantu babinywera mwo
لَا فِيهَا غَوۡلٌ وَلَا هُمۡ عَنۡهَا يُنزَفُونَ
Kuri ivyo binywobwa ntangorane n’imwe zizoba zirimwo canke ugutakaza ubwenge
وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ عِينٌ
Bazoba bari kumwe n’abapfasoni bafise amaso meza manini maniniya
قَالَ قَآئِلٌ مِّنۡهُمۡ إِنِّي كَانَ لِي قَرِينٌ
Hanyuma avuge umuvugizi umwe muribo ati:- mu vy’ukuri jewe nari mfise umugenzi
يَقُولُ أَءِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُصَدِّقِينَ
Uwahora ambwira ati:- mbega wewe uri muri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابًا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَدِينُونَ
Yuko mugihe twebwe tuzo sandaba nukuba ivu n’amagufa mbega twebwe tuzorihwa
فَٱطَّلَعَ فَرَءَاهُ فِي سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ
Nawe azo runguruka aze amubone ari hagati y’umuriro udahera witiriwe Jahannamu
قَالَ تَٱللَّهِ إِن كِدتَّ لَتُرۡدِينِ
Hanyuma aze amubwire ati:- ndarahiye kw’izina ry’Imana wewe wari wegereje kunzimiza
وَلَوۡلَا نِعۡمَةُ رَبِّي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُحۡضَرِينَ
Iyo itaba imigisha y’Umuremyi wanje ntankeka nari kuba mubo shengezwa n’ibihano vyo mumuriro udahera
إِلَّا مَوۡتَتَنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ
Atari urupfu rwacu rwaho hambere kandi twebwe ntituzo subira guhanwa
أَذَٰلِكَ خَيۡرٌ نُّزُلًا أَمۡ شَجَرَةُ ٱلزَّقُّومِ
Mbega ikaze nkiri siryiza, canke kuronka igiti citiriwe Zaqqum
إِنَّا جَعَلۡنَٰهَا فِتۡنَةً لِّلظَّٰلِمِينَ
Mu vy’ukuri twebwe twagize ico giti nk’igihano caba hemukiye imitima yabo
إِنَّهَا شَجَرَةٌ تَخۡرُجُ فِيٓ أَصۡلِ ٱلۡجَحِيمِ
Mu vy’ukuri ico n’igiti kivuye hagati y’umuriro udahera witiriwe Jahannamu
فَإِنَّهُمۡ لَأٓكِلُونَ مِنۡهَا فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ
Ntankeka bazofungura kuri ico giti no kurico buzuze inda zabo
ثُمَّ إِنَّ لَهُمۡ عَلَيۡهَا لَشَوۡبًا مِّنۡ حَمِيمٍ
Hanyuma ntankeka bazo shikirwa kubera uburure bw’ico giti n’uruvange rw’amazi y’amarike
ثُمَّ إِنَّ مَرۡجِعَهُمۡ لَإِلَى ٱلۡجَحِيمِ
Hanyuma mu vy’ukuri ingaruka yabo bantu yazoba ari ayo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu
وَلَقَدۡ ضَلَّ قَبۡلَهُمۡ أَكۡثَرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Kandi ntankeka abantu benshi bakera barazimiye imbere yabo
فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Rero nurabe uko yabaye amaherezo yabo bantu batujijwe
وَلَقَدۡ نَادَىٰنَا نُوحٌ فَلَنِعۡمَ ٱلۡمُجِيبُونَ
Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Nuhu (iii) yaraduteye akamo, n’abamwitavye b’intungane tumeze gute twebwe
وَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Twaramurokoye hamwe n’abantu biwe bari muvyago bihambaye
وَجَعَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُۥ هُمُ ٱلۡبَاقِينَ
Twarahezagiye umuryango wiwe ngo babe aribo baguma kw’Isi
سَلَٰمٌ عَلَىٰ نُوحٍ فِي ٱلۡعَٰلَمِينَ
Amahoro y’intumwa y’Imana Nuhu (iii) asasagare kw’Isi yose
وَإِنَّ مِن شِيعَتِهِۦ لَإِبۡرَٰهِيمَ
Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Ibrahimu (III) yari mumurwi wiwe
إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَاذَا تَعۡبُدُونَ
Yaramubwiye Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega mwebwe musenga iki
أَئِفۡكًا ءَالِهَةً دُونَ ٱللَّهِ تُرِيدُونَ
Kuvyiyadukije gusa vy’amamana aho yobaye Imana y’ukuri, nizo Mana mwipfuza
فَمَا ظَنُّكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
None n’ibihe vyiyumviro vyanyu hejuru y’Umuremyi w’ibiremwa vyose
فَرَاغَ إِلَىٰٓ ءَالِهَتِهِمۡ فَقَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ
Nawe aca agenda mumpisho no ku Mana zabo azibwira ati:- mbega mufise iki ko muda fungura
فَرَاغَ عَلَيۡهِمۡ ضَرۡبَۢا بِٱلۡيَمِينِ
Hanyuma arahindukira abakubita n’ukuboko kwiwe kw’iburyo
قَالَ أَتَعۡبُدُونَ مَا تَنۡحِتُونَ
Aca ababwira ati:- oh! Mbega musenga muvyo mwibaziye kubwanyu n’amaboko yanyu
قَالُواْ ٱبۡنُواْ لَهُۥ بُنۡيَٰنًا فَأَلۡقُوهُ فِي ٱلۡجَحِيمِ
Nabo bishura bati:- nimu mwubakire inyubakwa hanyuma mu mujugunyire muri uwo mukomezwa
فَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدًا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَسۡفَلِينَ
Rero bashatse kumu girira amarorerwa, mugabo duca tuba girira kuba aribo badebukiwe
وَقَالَ إِنِّي ذَاهِبٌ إِلَىٰ رَبِّي سَيَهۡدِينِ
Nayo intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yababwiye iti:- jewe ndagiye ku Muremyi wanje niwe azondongora
فَلَمَّا بَلَغَ مَعَهُ ٱلسَّعۡيَ قَالَ يَٰبُنَيَّ إِنِّيٓ أَرَىٰ فِي ٱلۡمَنَامِ أَنِّيٓ أَذۡبَحُكَ فَٱنظُرۡ مَاذَا تَرَىٰۚ قَالَ يَٰٓأَبَتِ ٱفۡعَلۡ مَا تُؤۡمَرُۖ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Mugihe yashika kurugero rw’ukugenda nukugaruka ari kumwe nawe niho yamubwira ati:- ewe kibondo canje, mu vy’ukuri jewe nabonye mundoto zanje yuko no kubaga, rero nawe niwiyumvire neza, none wewe ubibona gute? Nawe amwishura ati:- ewe data wanje nugire nk’uko wategetswe nanje uzonsanga Imana ibishatse ndimu bantu batenyenya
فَلَمَّآ أَسۡلَمَا وَتَلَّهُۥ لِلۡجَبِينِ
Bose hamwe uko ari babiri mugihe biyemeza imbere y’Imana nuguca amuryamika hasi kugira ngo amubage
وَنَٰدَيۡنَٰهُ أَن يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ
Muri uwo mwanya isase twaciye tumu hamagara duti:- ewe ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
قَدۡ صَدَّقۡتَ ٱلرُّءۡيَآۚ إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Uramaze kwemeza yandoto yawe, mu vy’ukuri uku rero niko duhemba abagira neza bose
وَبَشَّرۡنَٰهُ بِإِسۡحَٰقَ نَبِيًّا مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Hanyuma twamuciriye agace yuko azokwibaruka intumwa y’Imana Is’haqa (iii) n’intumwa muntumwa z’ abagira ineza
وَبَٰرَكۡنَا عَلَيۡهِ وَعَلَىٰٓ إِسۡحَٰقَۚ وَمِن ذُرِّيَّتِهِمَا مُحۡسِنٌ وَظَالِمٌ لِّنَفۡسِهِۦ مُبِينٌ
Duca turamu hezagira hamwe n’intumwa y’Imana Is’haqa (iii) hamwe no muruvyaro rwabo, kuko aribo babaye mubagira ineza. hamwe n’abahemukiye imitima yabo bimwe bigaragara
وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Mu vy’ukuri twebwe twarabagiriye impuhwe intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii)
وَنَجَّيۡنَٰهُمَا وَقَوۡمَهُمَا مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Duca turaba rokora hamwe n’abantu babo mugihe bari mungorane zidasanzwe
وَنَصَرۡنَٰهُمۡ فَكَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ
Duca tubakingira nabo baca baba bene intsinzi nyakuri
وَءَاتَيۡنَٰهُمَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلۡمُسۡتَبِينَ
Bose uko ari babiri twabahaye igitabu gitanga umuco
سَلَٰمٌ عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Amahoro y’Imana abe kuntumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe na Haruna (iii)
وَإِنَّ إِلۡيَاسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri, intumwa y’Imana Il’yaasiiyn (iii) yari muntumwa z’Imana
إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَلَا تَتَّقُونَ
Mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega mwebwe ntimutinya
أَتَدۡعُونَ بَعۡلًا وَتَذَرُونَ أَحۡسَنَ ٱلۡخَٰلِقِينَ
Mutabaza isanamu ryitwa Baa’la, mukareka gusaba umwiza wabaremyi
ٱللَّهَ رَبَّكُمۡ وَرَبَّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Imana ariyo muremyi wanyu n’Umuremyi w’abavyeyi banyu baho hambere
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri yari mubantu bacu bemera Imana yabo bimwe vy’ukuri
وَإِنَّ لُوطًا لَّمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Lutwi (iii) yari muntumwa z’Imana
وَإِنَّ يُونُسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Yunusu (iii) yari muntumwa z’Imana
فَسَاهَمَ فَكَانَ مِنَ ٱلۡمُدۡحَضِينَ
Baca bagira amatora aca aba mubatsinzwe nuguca atabwa mumazi
فَٱلۡتَقَمَهُ ٱلۡحُوتُ وَهُوَ مُلِيمٌ
Mukanya ifi ica iramumira mugihe yari muba taweko umwikomo
فَلَوۡلَآ أَنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلۡمُسَبِّحِينَ
Iyo ataba yari mubantu basenga Imana yiwe y’ukuri
لَلَبِثَ فِي بَطۡنِهِۦٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ntankeka yari kuguma munda y’iyofi kugeza k’umusi wizurwa ry’abantu bose
فَنَبَذۡنَٰهُ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ سَقِيمٌ
Mugabo twaciye tumujugunya kunkengera z’ikiyaga nawe aremvye cane
وَأَنۢبَتۡنَا عَلَيۡهِ شَجَرَةً مِّن يَقۡطِينٍ
Duca tumu nagishiriza uruyuzi rw’itango yaguma afungura
وَأَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ مِاْئَةِ أَلۡفٍ أَوۡ يَزِيدُونَ
Twaramutwaye ku bantu ibihumbi ijana n’abarenga
فَـَٔامَنُواْ فَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٍ
Baca baremera, nukuba nezereza kugeza kugihe caho basandabira
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَلِرَبِّكَ ٱلۡبَنَاتُ وَلَهُمُ ٱلۡبَنُونَ
Nimu babaze muti:- mbega Umuremyi wawe niwe afise ibibondo vy’abigeme nabo bakaba bafise ibibomdo vy’abahungu
أَمۡ خَلَقۡنَا ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ إِنَٰثًا وَهُمۡ شَٰهِدُونَ
Mbega twebwe twaremye Abamarayika kuba yuko aribo bakenyezi nabo bakaba ivyabona
وَلَدَ ٱللَّهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Imana yaravyaye, mu vy’ukuri kuribo ntankeka n’ababeshi
أَصۡطَفَى ٱلۡبَنَاتِ عَلَى ٱلۡبَنِينَ
Yoba yaratoye ibibondo vy’abigeme gusumba ibibondo vy’abahungu
وَجَعَلُواْ بَيۡنَهُۥ وَبَيۡنَ ٱلۡجِنَّةِ نَسَبًاۚ وَلَقَدۡ عَلِمَتِ ٱلۡجِنَّةُ إِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ
Nabo bashizeho imiryango hagati yabo n’ibisigo, n’ivyo bisigo vyari vyamaze kumenya yuko atankeka kuribo bazo shengezwa
وَمَا مِنَّآ إِلَّا لَهُۥ مَقَامٌ مَّعۡلُومٌ
Ntan’umwe muri twebwe atari uko afise ubwicaro bwiwe buzwi
لَوۡ أَنَّ عِندَنَا ذِكۡرًا مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ
Iyo tuba dufise igitabu nkuko babifise ba bantu baho hambere
وَلَقَدۡ سَبَقَتۡ كَلِمَتُنَا لِعِبَادِنَا ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Kandi ntankeka ijambo ryacu riramaze gushika ku bantu bacu bahawe ubutumwa
فَإِذَا نَزَلَ بِسَاحَتِهِمۡ فَسَآءَ صَبَاحُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Rero mugihe bizo manuka kurubuga rwabo hazoba hari mugitondo kitari ciza ku bantu batujijwe
سُبۡحَٰنَ رَبِّكَ رَبِّ ٱلۡعِزَّةِ عَمَّا يَصِفُونَ
Umuremyi wawe ari kure nivyo, Umuremyi w’iteka hamwe n’ivyo bayihayagiza ko
وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nihayagizwa ryose ryiza niry’Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose
Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.